IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imvura y’igihuhusi yarabiciye biracika mu ntara ya Muramvya

Imvura y’igihuhusi yarabiciye biracika mu ntara ya Muramvya

lundi 31 Kigarama 2012

Amazu arenga mirongo icenda n’ibindi bintu bitari bike vyarasambuwe n’imvura nyinshi yaguye inyuma y’umutaga wo kuri uno wa kane itariki 27 kigarama 2012 muri Komine Muramvya.

Nkuko Ali Kassim umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Muramvya yabimenyesheje,inzu 94 harimwo 50 zo muri Komine ya Muramvya hamwe n’amashuri 16 nivyo vyasambuwe n’imvura nyinshi yaguye kuwa kane.

Ikibuga c’inkino c’intara ya Muramvya ari naco iyo ntara yerekanye ku munsi mukuru wo guhimbaza imyaka mirongo itanu iheze igihugu cikukiye naco nyene carahitanwe n’iyo mvura,ibisakazo vy’ubwugamo bumwe muri butatu bikaba vyaraguruwe n’umuyaga mwinshi.

Twobamenyeshako n’imirima y’ibijumbu,ibiraya,imboga n’ibigori iri ku nkengera z’uruzi Nyabukongoro yahitanywe n’isegenya.

Abanyagihugu rero bakaba basaba ibiro vy’umukuru w’igihugu biraba ivyo imibano n’ abagiraneza ko bobagarukirako.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.