IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imwe mu migambi ifashisha ibitungwa abanyagihugu riraniga

Imwe mu migambi ifashisha ibitungwa abanyagihugu riraniga

dimanche 21 Nyakanga 2014

Imwe mu migambi ifashisha ibitungwa abanyagihugu, ntiyakira uko abo banyagihugu bagaruka bagatunga ivyo bitungwa, ndetse hamwe bakagirizwa ko baca babihereza isoko.

Umugambi wa PAIVA ukaba waratse imwe mu miryango inka wari waramaze gutanga mu ntara ya Karuzi. Muri komine ya Bugenyuzi yo muri iyo ntara nyene ya Karuzi, imiryango itanu ikaba yaratswe inka yari yarahawe, nayo komine ya Gitaramuka, imiryango itanu nyene ikaba yaratswe inka, iyo miryango yose ikaba yagirijwe kutubahiriza amasezerano yagiranye n’uwo mugambi wa PAIVA. Inka zari zarananutse, izindi ntizari zikivuzwa, zikaba zari mukujanwa mw’isoko. Izo nka zose zatswe iyo miryango, zikaba zaciye zihabwa iyindi miryango yo muri iyo ntara nyene ya Karuzi.

Mukamenya imwe mu migambi yatanze inka mu ntara za Kirundo, Muyinga na Bubanza yamaze kwitwara mu butungane ko inka hamwe n’ibindi bitungwa vyari vyaratanzwe, vyadandajwe n’abari barabihawe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mbega bihabwa ba nde? Abatishoboye? Abafise ico batanga (IGITURIRE)?, Abashoboye kubironkerra ubwatsi?
    Ivy’iwacu vyarabuze ihero ry’imiti. Ariko ntakundi vyogenda mugihugu gitwarwa n’ubutegetsi busa n’ubutahari kiretse mu kwica gusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.