Accueil > Poritike > Imigambwe > Imwe mu migambwe n’amashirahamwe batumyeko imyiyerekano
Imwe mu migambwe n’amashirahamwe batumyeko imyiyerekano
dimanche 26 Ndamukiza 2015
Amashirahamwe yatanguje urugamba rwo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, n’imigamambwe bahamagariye abarundi bose mu myiyerekano.
Muri iyo myiyerekano yatumweko kuri uno w’Imana igenekerezo rya 26 Ndamukiza, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, imigambwe itandukanye itavuga rumwe na CNDD FDD hamwe n’Abagumyabanga b’uwo mugambwe baterekwa ikiringo kigira gatatu ca Petero Nkurunziza, bavuga ko atagisivya baja kwihereza amabarabara.
Nk’uko bivugwa na Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC, asaba abarundi bose ko bohurira ku mirwa mikuru y’amakomine ya kera mu gisagara ca Bujumbura, kugira bace bahurira ku kibanza citiriwe ukwikukira. Mu ntara hagati, abanyagihugu bagasabwa guhurira ku mirwa mikuru y’amakomine. Vital Nshimirimana asaba abanyagihugu ko batoshamirana n’igiporisi, nibasanga babujijwe kujabuka ibiraro, ko boca bagirira imyiyerekano aho nyene. Amenyesha ko iyo myiyerekano ari iyo kwerekana aho bahagaze, ko atari imigumuko, nk’uko bamwe bakunze kuyita.
Nayo mu migambwe iri muri urwo rugamba rwo kwanka ico kiringo, Muganga Yohani Minani arongoye FRODEBU Nyakuri, amenyesha ko basuzuguwe n’umugambwe CNDD FDD co kimwe na Petero Nkurunziza, mu guhonyanga amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa nshingiro. Amenyesha ko bagira imyiyerekano, gushika ahevye ico kiringo agomba kwiha ku nguvu. Mu runani ADC Ikibiri ho, bakaba bamaze kumenyesha ko batageza kuzohiganwa n’umuntu azoba arenze amategeko. Mu Bagumyabanga ba CNDD FDD banse ikiringo ca gatatu, basavye abanyagihugu bose, kudasigara inyuma, mu kwiyamiriza ico kiringo, nk’uko vyavuzwe n’umushingamateka Oscar Ndayiziga yatowe mu ntara ya Muramvya, mu mugambwe CNDD FDD.
Aristide Nizigire
Messages
26 Ndamukiza 2015, 09:16, par XAVIER
AHUBWO BABUZE ICO BAKORA ESE BOGENDA GUSENGA IMANA NIYO IZOBAHA IVYO BASHAKA
26 Ndamukiza 2015, 10:25, par Mélchiade
ABO N,BANYAVYAHA KUKO NTIBUBAHIRIZA UMUSI IMANA YASHINZE UYU MUSI NTIWARUWO GUKOR,IVYO ABO BAHAKWE ATARWAYE IBIHUTE .NONE IVYO BAKOZE NIBITAGEND UKO BASHAKA BAZOCA BAHUNGA CANKE MU MPIMBA GUTERANA AMABUYE KWERI NTARUPFASONI RURIMWO MURUMVA KO VYAFASHE IYI NTUMBERO NI BACAKIRE nshimirimana umututsi ATABONY-INTAMBARA
26 Ndamukiza 2015, 22:31, par SANGWA
Mwirinde kwicana!!
27 Ndamukiza 2015, 13:19, par ndayishimiye jean marie
naho bakigwanira sicabo igihugu nicumwami imana niyo ifise inkoni y ububasha mu kuboko kway izoyobora uburundi munyagihugu nawe meny ico waremewe
28 Ndamukiza 2015, 15:03, par VICTOR
AHUBWO RINDIRA AMATORA ABANYAGIHUGU TUMWIYANKIRE NAYIMYIYEREKANO NTACO YOSHIKAKO
29 Ndamukiza 2015, 11:14, par Harerimana Egide
Ibiganiro Ninama Imbere Nayo Ingimba Siwo Muti, Imana Itabare Uburundi Ntidusubire Mu Ntambara
3 Rusama 2015, 07:12, par nduwimana egide imubimbi bujumbura rirare
abaporinsi bapfuye ninde yabishe?canke ninde yaturiye imodoka?
5 Rusama 2015, 21:15, par jœl
mukoreshe amasezeno yi arusha birashoboka abarundi batiriwe barononegwa ubuzima bariko biyamiriza ikiringocagatatu
6 Rusama 2015, 21:48, par Vincent
Natwe Turabashigikiye
6 Rusama 2015, 21:49, par Vincent
Natwe Turabashigikiye