Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyaka 10 irarangiye igihuhusi Tsunami cihaye inkumbi ku bantu 220 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imyaka 10 irarangiye igihuhusi Tsunami cihaye inkumbi ku bantu 220 (...)

Imyaka 10 irarangiye igihuhusi Tsunami cihaye inkumbi ku bantu 220 000

vendredi 26 Kigarama 2014

Imyaka cumi irarangiye abantu isinzi bahitanywe n’igihuhusi kivanzemwo umuyaba mwinshi catewe na nyamumugigima itari iherutse kuba kuva mu 1960 mu gace ka Indoneziya.

Hari kw’igenekerezo rya 26 Kigarama 2004, igihe c’isaha zibiri z’agatondo zibura iminota ibiri (7h58) aho nyamugigima ipima uburemere buri hejuru (magnitude 9,3) yatumye haba igihuhusi kivanzemwo umuyaga mwinshi wahitanye abantu baharurwa mu bihumbi 220.

Abahinga mu bijanye n’ihindagurika ry’ibirere bavuga yuko igihuhusi Tsumani co mwaka w’2004, cabaye inyuma y’iminota 30 nyamumugigima ihejeje kuba. Ico gihuhusi kirimwo umuyaga mwinshi kikaba cateye kugeza ku metero 16 mu gihugu ca Indoneziya.
Inkomezi n’uburemere igihuhusi Tsumami co mu mwaka w’2004 cazananye, catumye n’amazinga amwe amwe ava mu bibanza yarimwo, mbere n’uduce tumwe tumwe turanafudika kw’ikarata y’isi (Carte géographique). Aceh, intara iri hafi z’izinga rya Sumatra akaba ariyo yansinzikaye cane kuko hasize ubuzima abantu bagera ku bihumbi 131.

Mwomenya kandi ko ico gihuhusi kitagarukiye gusa Indoneziya ariko ikaba kikaba carashikitse no mu duce tumwe tumwe twa Thaïlande, twa Birmanie, twa Sri Lanka, n’Ubuhindi. Inyuma y’amasaha atandatu iyo Tsunami ibaye, n’ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika nka Somaliya, Tanzaniya na Kenya vyarafashwe navyo.
Mu matohoza yakozwe, abahitanywe bose n’ico gihuhusi Tsunami, bari bakomoka mu bihugu 37 vyo kw’isi, abenshi muribo bakaba bari ingenzi zari zije guhimbaza Noweri ku biyaga vyo muri Indoneziya, Thaïlande n’ahandi.
Igihugu ca Indoneziya kikaba cabuze abantu bagera ku 170 000, Sri Lanka abantu 31000, Ubuhindi bubura abantu 16400, Thaïlande abantu 5 400, ibihugu vya buraya bibura abagera ku 1 700, Suede ibura abantu 543, Ubudagi abantu 537, Ubwongereza 150, ubu Suisse 110, Ubufaransa 95, Norvege abantu 80, Dannemark 50 n’abagera ku 300 bo mu bihugu vya Tanzaniya na Kenya.
Kuri uno munsi wa gatanu igenekerezo rya 26 Kigarama 2014, imyaka cumi ikaba irumanye iyo Tsunami ibaye. Abanyagihugu bo mu bihugu vya Indoneziya, Thailande n’ahandi bakaba bazindutse bibuka ababo bahasize ubuzima.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.