IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyaka 50 UNICEF imaze ikorana na Reta y’Uburundi yarafashije ibitari (...)

Imyaka 50 UNICEF imaze ikorana na Reta y’Uburundi yarafashije ibitari bike

jeudi 16 Nzero 2014

Ishirahamwe ryitaho ineza y’abana UNICEF ryahimbaje imyaka 50 rimaze rikorera mu Burundi, aho ibirori vyaranzwe n’ugutemberera ikigo c’i Mutumba mu ntara ya Bujumbura Rural, ahasanzwe hakurikiranirwa abavyeyi bibungenze, abana bato bahabwa incanco, abana bafise ingorane z’ugufungura nabi hamwe n’ugukurikirana abakenyezi bibungenze, abagendana umugera wa Sida, eka ndetse bakaba banashitse kw’ishure ritoya rya Gakora, aho UNICEF yasanuye utuzu twa surwumwe hamwe n’uguha amazi meza abana biga kuri iryo shure.

Mw’ijambo ryashikirijwe n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe UNICEF mu Burundi, yamenyesheje ko mu kwezi kwa Nzero mu mwaka w’1964 ariho haterwako umukono hagati ya Reta y’Uburundi, iserukiwe n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihe Petero Ngendandumwe aherekejwe kandi na Piyo Masumbuko yari umushikiranganji w’amagara y’abantu, mbere akaba yari yishikiye muri ivyo birori vyo kwigina imyaka 50 iheze, UNICEF imaze ikorera mu Burundi.
Muri iyo myaka 50 iheze, ibitari bike vyararanguye mu bisata bitandukanye bifashijwe n’ishirahamwe UNICEF. Aha tukaba twovuga nko mu gisata c’indero no mu gisata c’amagara y’abantu, aho iryo shirahamwe ryitanze cane bimwe biboneka mu Burundi. Eka mbere, haba umushikiranganji w’amagara y’abantu muganga Sabina Ntakarutimana canke uw’indero Rosa Gahiru bari baserukiye Reta y’Uburundi muri ivyo bikorwa, bose bakaba batabideha mu majambo bagiye barashikiriza, aho bavuze ko ibitari bike mu bushikiranganji barongoye vyafashijwe na UNICEF.

Tukaba twobamenyesha ko mw’ishirahamwe UNICEF bashimishwa n’urugero ugucandagisha abana bato rugezeko, hamwe n’igitigiri c’abana baja mu mashure y’intango mu Burundi, naho imiryango myinshi igisinzikajwe n’ubukene bw’ibifungurwa, ndetse ugasanga abana bashika ibice 58 kw’ijana mu Burundi co kimwe no mu bindi bihugu bimwe bimwe bagifungura nabi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Yoyo mbega missi ko ariwe sectary wa uncf yari yitabiriye ibiroro? Bavandimwe nanje ryarafashije ndi mu nkambi ya rukore ingara muri tanzaniya hamwe na j r s buriya abazungu naho nibeza barica bagakiza nivyiza nibagume bafasha abana bipfuvyi nabana bavukanye sida na banyesure kuko aribo hejo hazaza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.