Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyaka ijana iraheze igisagara ca Gitega kibayeho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > Imyaka ijana iraheze igisagara ca Gitega kibayeho

Imyaka ijana iraheze igisagara ca Gitega kibayeho

jeudi 27 Kigarama 2012

Kuwa gatandatu itariki 22 kigarama,igisagara ca Gitega carahimbaje imyaka ijana iheze kivutse icivugo c’uwo munsi kikaba cari:« Duhindure ishusho y’igisagara tubicishije mu myifato ijana kw’iterambere.»

Igisagara ca Gitega carahimbaje kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 22 kigarama umwaka wa 2012 imyaka ijana iheze kibayeho.Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri akaba yari yitavye ivyo birori.

Mwíjambo ryiwe ry’uwo munsi, umushingantahe Rufyikiri akaba yaramenyeshejeko,ihimbazwa ry’uwo munsi w’aho igisagara ca Gitega kimaze imyaka ijana kibayeho ari umunsi udasanzwe kandi w’imbonekarimwe kuko bidakunda gushika ko umuntu abaho imyaka ijana.

Akaba rero yaciye aboneraho akaryo ko gushimira abakoze kugira ico gisagara kibeho,akaba yarashimikiye cane ku mvukira, ku babanyi no ku bagenzi b’igisagara ca Gitega,eka mbere ntiyibagiye n’abenegihugu n’abanyamahanga.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yarashimiye kandi uwuserukira U Budagi mu Burundi,umuhanuzi m’ubuserukizi bw’U Rwanda,uwaserukiye igisagara ca Goma co muri Tanzaniya,abashingamateka n’abakenguzamateka,umushikiranganji w’inkino n’imicokama, uwo ibidukikije, uwo ubutungane hamwe n’uwo abakozi ba reta,abaserukiye amashengero n’abandi kubona bitavye ivyo birori.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yabandanije amenyeshako igisagara ca Gitega cateye imbere ariko ko atari ku rugero bipfuza ko vyari gushikako kuko imyaka ijana iheze ico gisagara kibayeho atari mike.Yabandanije avuga ko iyo igisagara giteye imbere biri n’akamaro kuko bituma haboneka uburyo bwinshi bwo kwiteza imbere.

Naho biri ukwo, Gervais Rufyikiri yarashimye cane intambwe igisagara ca Gitega giteyeko ngo kuko ico gisagara catanguye gifise ama quartiers abiri gusa none ubu kigeze ku ma quartiers 9 Hariho n’ayandi ariko aravuka nka BwogaI na II,KareraI na II hamwe na Senar ushizeko amahoteri,amashuri, ibirwati vy’amahoro n’ibindi.

Twobamenyeshako imbere yo guhimbaza uwo munsi Gervais Rufyikiri akaba yarakurikiranye urukino rwahuje zone Mutaho na zone Rwisabi,urukino rwari rwatunganijwe mu ntumbero yo gukomeza ubucuti hagati y’urwaruka rwo muri izo zone uko ari zibiri.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.