Accueil > Amakuru > Ubutungane > Imyaka indwi irarumanye Hussein Radjabu atawe mu mvuto
Imyaka indwi irarumanye Hussein Radjabu atawe mu mvuto
dimanche 27 Ndamukiza 2014
Imyaka indwi irarangiye umushingamateka Hussein Radjabu ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, akaba yafashwe yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu.
Nk’uko umushingwamanza wiwe abimenyesha, Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, apfunzwe azira ubusa. Umushingwamanza Niyoyankana Prosper aburanira uwo yahoze ari umushingamateka wo mu mugambwe uri ku butegetsi, amenyesha ko ivyo yagirizwa ko yashaka guhungabanya umutekano w’igihugu vyabaye imvo yo gushaka kumushira mu munyororo, kugira indongozi z’umugambwe CNDD FDD zisigare zirakora ivyo zishaka mu mwidegemvyo.
Hussein Radjabu rero akaba yaciriwe imyaka 13 yo gupfungwa. Uwumuburanira ariko akamenyesha ko agiye kwitura sentare mpuzamakungu, kuko uwo aburanira ariko azira ubusa. Asaba Reta y’Uburundi kudakoresha abacamanza mu kwama bagiriza abantu ko bashatse guhungabanya umutekano w’igihugu, mu ntumbero yo kubaburagiza canke kugira babakure ku rubuga rwa poritike.
Aristide Nizigire
Messages
27 Ndamukiza 2014, 16:52, par cadeau
ninde atazi ko warenganyijwe atari aba dd bakunda inda? kandi ngo inkoni ikubise mukeba uyirenza urugo, uyu musi ni wewe ejo nabo bazoramukirwa kandi bobo bizoba nabi kurusha ngaho la patience est la longueur du temp
27 Ndamukiza 2014, 18:06, par MUHOZA
Imana iguhe kwihangana ,Mandela yafunzwe imyaka yababa30 kandi ntazigera yibagigwa ndavye ivyo yakoze naho yashikanye igihugu.Turazi nezako abariko baraturubikwa ko aribo bazotugeza ky Burundi busha tukibagira ubu Burundi bwaba dd aribo bansumire inda.Turabasabira kandi turizerako umusi aba dd batazi bazishura ivyo bakorera abakunda uburundi.Umusi hazoba hari ubutungane budakorera kugicure ,badatunganiriza abarenganizwe kubera umugambw uyu canke uriya turabarindiye igihe giheze sico gisigaye
27 Ndamukiza 2014, 18:17, par Bumwe
Hariho umuririmvyi yaririmvye inyabutongo ashaka kwereka umwami akarenganyo.iyo umuntu ari kubutegetsi ntiyiyumvira gutegura kazoza kiwe biyumvira ko kwubaka amazu ariko gutegura kazoza gusa.uwosubizamwo ijambo yigeze kuvugira kuri stade yosanga yarihenze .icirwa nasanzemwo mubibera mu Burundi nukwihora gusa uravye nukuntu bamukuye kuburongozi bw,umugambwe aho hose harimwo amahinyu.je nta mugambwe ndimwo kuko nasanze baduhenda haza inyungu zabo imbere kuko ntawarazi ko kuntwaro z,Abahutu har,Umuhutu yosubiye kwicwa nko muri 1972 nahandi kuko banshi bazi uko bitera agahinda.Burya ntihica ubwoko hica intwaro mbi.mumbabarire nimba mvuze nabi
27 Ndamukiza 2014, 18:38, par Nelson
Ntamvura idahita na Mandela yarafunzwe imyaka 27 kandi yararekuwe.Ihangane burya nabo haraho igihe cabo kizogera
27 Ndamukiza 2014, 20:04, par Nwari
Warareganijwe nivyo ? kubwo amategeko .ariko ntawokwibagira washaka kwicisha abahutu bose batari DD numututsi wese kugira mube abami babahutu .nkuko ubu bene kugufuga bagire bashire umugambi wawe mugiro kuko washatse kutagura hakiri kare mugabo wewe wenyene baza umutima wawe urazi ko utera !wasgaka amaraso hakirikare biranka nubu bizokwanka kuko ntanumwe atazi ko murikumwe na Nkurunziza /;:nkuko buyoya yarikumwe na Batagabakandi imbere yuko arusha bayisinya gushika nubu womego ntibarikumwe/? Kandi aribamwe namwebwe umukino mwakinye na Nkuruziza tuwobona gutya????!!!!!!!!%
27 Ndamukiza 2014, 20:06, par abdul
akagumye bagumako, mutama niwihangane imis’igaye nimike,imana irakobona imyaka indwi yose murikumwe nayo ikuzigamye ikurind’ababisha ikurind’amabiyose yokwononera ubuzima,niwigumye imyaka4 isigaye simyishi uzovayo hama ukuri kuje ahabona nabo bazokumve umubabaro kukurusha.niwe abarundi dusigaranye.
28 Ndamukiza 2014, 09:51, par Birahinduka
Icirwa gitomoye kuri Rajabu ubwiwe n’abandi batigera biyumvira ko atacohinduka iyo bariko baratamira agasosa!!Ihangane wige no guca bugufi!!Kandi abarundi bose ntubategekekuba abisiramu batabishakakuko nawe bari baraguhaye utari umukristo!!MWARIMU KOMEZA WIGISHE RAJABU GUCA MAKE!!
28 Ndamukiza 2014, 11:11, par bizoza
Abarundi twraciy’ubwenge basha,harya n’akantu mutahurijeko nawe ntiwari yororo.Barakwitanze urabona mwese mwari kumugambi tutazi...Mbega ugikindaga abameshamakuru, waruziko wavyay’isi?comma.. Emwe ntamunyo nta mukwaha hose nakanuko.
28 Ndamukiza 2014, 20:45, par Omariam
ihangane mutware uzovayo ukomeye nka Mandera