IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyidogo kubadandaza bamwe bari basavye ibibanza kw’isoko ya Buyenzi City (...)

Imyidogo kubadandaza bamwe bari basavye ibibanza kw’isoko ya Buyenzi City Market

lundi 4 Ruhuhuma 2013

Inyuma y’umuriro wadutse kw’isoko nkuru ya Bujumbura kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2013, bamwe mu badandaza bari basavye ibibanza kw’isoko ya Buyenzi City Market, aho bita kwa Siyoni, baridondomba ko commiseri w’iryo soko atebeje kubaha ibibanza bari basavye.

Ni inyuma yaho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu abasabiye kuba barandaniriza imirimo yabo muyandi ma soko yo mu gisagara mukurindira ko ibikorwa vyo gusanura ikibanza co kuri COTEBU birangira.Abo badandaza bemeza yuko hari haciye imisi mike basavye ivyo bibanza ngo kandi ko muri kino gihe batagira aho barangurira imirimo yabo.

Kuri ivyo, komiceri w’isoko ya Buyenzi, Ildéphonse Mukumiro avuga yuko mu misi mike abo badandaza bose bazoronka ibibanza, ariko agasaba ko bokwihangana kuko ibikorwa vyo gusanura ico kibanza biriko birarangira.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.