Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyiyerekano yariko itegurwa na ADC Ikibiri yasivye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imyiyerekano yariko itegurwa na ADC Ikibiri yasivye

Imyiyerekano yariko itegurwa na ADC Ikibiri yasivye

samedi 7 Kigarama 2013

Imyiyerekano yo kwiyamiriza umugambi wo guhindura ibwirizwa, yariko itegurwa n’urunani ADC Ikibiri yungururijwe ku yindi sango itaramenyekana. Muri ADC Ikibiri bamenyesha ko bashimye kwifadikanya na Afrika n’isi yose mu kigandaro ca Nelson Mandela asanzwe yarafashije mu biganiro vy’amahoro mu Burundi.

Iminsi cumi n’ine yari yatanzwe n’urunani ADC Ikibiri yariko irarangira. Muri urwo runani bari basavye ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ryisunga ivyiyumviro vya bose, bitagenze uko ko bazoca bahamagarira abanyagihugu kwihereza amabarabara. Isango ryari ryatanzwe ryari iryo kuri uwu wa mbere igenekerezo ry’icenda Kigarama 2013.

Léonce Ngendakumana, arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU ahejeje kumenyesha ko iyo myiyerekano itakibaye kuri iryo genekerezo, ko iyindi sango izomenyeshwa hanyuma. Léonce Ngendakumana amenyesha bifadikanije n’isi yose mu kigandaro ca Nelson Mandela yitavye Imana. Uwo arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU arahakana ko ibiganiro vyateguwe n’inama nshingamateka ku hinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro atarivyo bitumye imyiyerekano isiba. Nk’uko yabisiguye, ivyo biganiro bizotangura ku munsi wa kane igenekerezo rya 19 Kigarama 2013 ntibihuye n’ivyo basavye vy’uko integuro y’ibwirizwa shingiro iri mu nama nshingamateka yovanwayo kugira bayige gushasha.

JPEG - 27.5 ko
Léonce Ngendakumana, arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU

Iyo ngingo yo gusivya imyiyerekano ifashwe mu gihe mu mugambwe FNL wa Agathon Rwasa baheruka kumenyesha ko batazokwitaba iyo myiyerekano. Aimé Magera, umuvugizi w’umugambwe FNL yari yamenyesheje ko imvo zibatumye batitaba ari kubera urunani ADC Ikibiri rutagishije inama umugambwe FNL mu myiteguro y’iyo myiyerekano, kandi ko n’abanamarimwe batari bwasabe imyiyerekano.

JPEG - 29 ko
Aimé Magera, umuvugizi w’umugambwe FNL

Aimé Magera, umuvugizi w’umugambwe FNL abandanya amenyesha ko umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi udatinya kwica, ari naco gituma banse ingaruka zishobora kuva muri iyo myiyerekano. Kubwa Aimé Magera, yisunze imigambi y’irementanya yo guhagarika Rwasa Agathon yama iriko irategurwa, ubutegetsi bumubonye mw’ibarabara ntibwogisha ako karyo. Aimé Magera yibutsa abanamarimwe ba FNL baharurwa mu gihumbi bagandaguwe mu mugambi "Safisha", kuva inyuma y’amatora y’umwaka w’2010, ari nayo mpamvu mu mugambwe FNL bafise ubundi buryo bakoresha mu gushikiriza ivyo basaba, ariko batarinze kwigemura mw’ibarabara.


Egide Nduwimana

Messages

  • Abarundi komeza mwitandukanye nokuja mubintu vyateguwe mwizina rya ADC mbeburyantimubona kokuvahabonetse iryozina ADC imigambwe twarituzi amazinayayo komengo yarafuswe umwe womumugambwe runaka asigaye akorikosha bigaca bifata abahurikiye kuri ADC yiyindi igatagaciro sinzikonovuga akanovera canke akarangamutima, Akarorero nka FNL,FRODEBU, iyonimigambwe twarituziko ikomeye mu Burundi ariko usanga yose mengobariko baragenda bakurikira MSD mwarataye akarangamitima kimigambwe yanyu. Ndashimiye FNL iriko iragerageza gusubira kukaranga mutima kabo.

  • Komera ...ubundi mwarimugomb mukor ibiki!!!! Nimugume aho Murekezi ibusazi

  • Hahahhhaa.....abarundi muratwenza pe!!

  • baze bunvirize ijambo ry’umukuru w’igihugu , ukika ugaramye ,wicaye ntantambara izosubira kuba mugihugu

  • Basha ,aba Fnl turi inyuma ya Rwasa ntangorane kandi turazi neza ko iyo Rwasa aja Mwibarabara bari kumutoza iminwe ,ubu aba ari hariya Banvuginyunvira ari.Aho hantu Rwasa yahakinye neza kuko aba Cndd fdd bari baronse aho bamukura inyuma yamarementanya menshi yagiye arakorwa emama yahaswe guha ishano jacques ,emama dossier yabanyamurenge ira vyuka.Iconzi co imyiyerekano iyo iba aba FNL twari kuza mubambere kuko tubabaye ariko ntivyari bikenewe ko Rwasa abanza kubivugira kumboneshakure no mu binyamakur .Aba FNL turazi ukuntu du cominikana .

  • Obama ,Bush nabategetsi ba hano muri Canada buca bafata indege gushingura Mandela ,vyobonetse nabi cane abarundi turi abavandimwe ba Afrique du Sud tuciye tuja mumyiyerkano yo kubohoza ibwirizwa shingiro bari kutunyaga bene umurango babaona nubwo ivyo duharanira vyunvikana cane kandi Mandela ari mubafashije mubiganro vyatumye dushika kumasezerano ya Arusha ari nayo yatumye dushika kuri iryobwirizwashingiro. Ntaco reka turindire irindi sango abarongoye Adc-Ikibiri bazoduha kumbure nabategetsi boboneraho kwikubita agashi .

  • FNL mwebwe nisawa rekasinduhije azosare nakare anywa ikimogi tuzomuvuza igiti mpaka ntaLetayakajagari tukirimwo

  • Abo muri ADC-ikibiri nta Politike munzi kandi ntan’imingambi mufise mwokwerekana,Biragaragara ko mufise gusa akarimi kiterabwoba kokuvugira muma Radio,nimureke rero Umugambwe CNDD-FDD usong’imbere,yaramaze kubasiga kuntambwe yakure,biraboneka ko muri 2015 ataco muzohanobo,rero nimureke guta umwanya wanyu.

  • Alexis Sinduhije Ati:<Ntagisivya turaja mumyiyerekano tumare iminsi turi mw’ibarabara>Akongerako ati:<Iyi Leta iravye nabi tuzoyisenyura>Ntazi ivyo avuga,kandi akavuga ivyo atazi,nagira ndabasabe abamwegereye hafiyiwe ko boza baramuhanura akareka kunywa ibiyayura Mutwe,nahandiho azohava asara aja mw’ibarabara barorera.

  • Murerekanye Ko Mugomba Ibiganire Nuko Reta Nibonereho Akaryo Kuganira Mugihe Mutaratanga Irindi Sango. Tubasaba Kuja Inama Uko Murikumwe Murunani Mudatana. Maze Urunani Rwanyu Rukomere Ntiruze Rusambuke.

  • ADC ntabwoba izigera igira leta niyo ikorera kugikenye mugushaka guhindura ibwirizwa nshingiro ninayo ifis ubwoba kuko abanyagihugu bamajije kubahinyura ivyo bakora vyose kari amanyanga ahubwo aho bukera abazosubirira Husen Radjabu Nibenshi. Burya Gusubiza Inyuma Igihe C’imyigaragamvyo Bashatse Kuganira Na Leta Ahubwo Leta Nikore Mumaguru Masha Bagende Baganire Nahubundi "wanka Kugarura Impene Ikiri Hagufi Yamara Kurenga Impinga Ikabira Nayo" Aho Bukera Bagasubira gutanga isango mugihe ibiganiro bitoba bumvikane CNDD-FDD Izokwiruka Inyuma Ya ADC Bitagikunda. Maze Iterabwoba Ryabo Ryogukoresha Igipolice C’abanyagihugu Uko Bashaka Baza Kubateramwo Ivyuka No Kubarasa Bamenyeko Harigihe Bazobibazwa Kugatwe Kabo N’ababatuma, Kandi Bibuke Ico Umwambaro Bambaye Ico Ugenewe Ntibawukoreshe Ico Utagenewe. Izonkoho N’ivyovyuka Babigurirwa N’abanyagihugu None Tuje Aho Tuze Turagura Ibiduhekura? Haragezeko Mwihanura Mwibukako Uwo Ucinyiza Uzoja Mukibanza Arimwo. Mbe Bizoce Bigenda Gute? CNDD-FDD Hasigaye igihe gito cane.

  • Sinarinsi ko Alexis anywa akamogi shandavyemeye jewenamambona acankamutse cane nkibaza ngonuko arumwana yakuriye ahiwacu Bujumbura! abatama bacubakomeze kumuvinyumabose nkuko FNL yabigize.

  • FNL yaravuyeho!Nayo Rwasa atinya gupfyngwa nta gihugu yoshobora.Umunsi bamushatse azofungwa atacemera!Ba Radjabu batwara izo DD ntibabashikanyeyo ata makosa bafise.Utinya gupfungwa ntaPolitique ujamwo.Naryame i Kiriri amatora amucike arabeko atazoja gupanga mu Buterere canke ku Musaga!

  • EWE BURUNDI WARAGOWE UYO MUGAMBWE UHARUGWA KO ABANTU IGIHUMBI AHO NTIMWOGIRA IVYEGERANYO NGO MUBITANGE MURI YA SENTARE IKURIKIRANA ABANDI EREGA BABICA BISHIMIYE IMMUNITE ARIKO MURABE NEZA NTA IMMUNITE IBAHO YO KWICA ABANTU SAFISA SAFISA MBE MANA YAKE NI NINI?

  • Abarundi ni mukerebuke, mwime amatwi abo bagabo bakajagari. Ahonnaho babahenda ngo bifadikanije na Mandela, kuva aho baguma basemerera hose ko bazoja mw, ibarabara ntibari bazi ko yapfuye? Iyo bahirahira bakajayo uno musi bari gukubitwa nk, imbwa yaneye mu nzu. Borinze bapfa bakivyibuka!

  • Ntamuntu numwe adafise amakenga
    Ntamuntu numwe adafise ubwoba bwo gupfa
    Ntamuntu numwe ashimishwa no gupfungwa
    Mbega aba dd ko bafise ubwoba bwokuva kubutegetsi
    Biyumvira ko bazogigwa nkuko bagize abandi
    Hariho abantu bagomba gusega basegesha amazina yabantu. Nibabe basega kugatwe kabo
    L’homme de valeur AGATHON GWASA nibamureke yararenganye
    Imigambi yabo ninteguro zabo turazimenya
    Nicogituma babura aho bamuca kandi ntaco bazoshikako
    FNL n’Umugambwe ugengwa n’Amategeko
    Sumumugambwe wa kajagari nka ba dd
    GWASA komera kwibanga
    GWASA imigambi yabana babantu siyo y ’IMANA
    GWASA turagushigikiye tukurinyuma twese ntamuntu azokunyiganyiza
    IMANA irimbere natwe turinyuma
    Nidusangwe FNL Amizero y ’Abarundi bose

  • Ntamuntu numwe adafise amakenga
    Ntamuntu numwe adafise ubwoba bwo gupfa
    Ntamuntu numwe ashimishwa no gupfungwa
    Mbega aba dd ko bafise ubwoba bwokuva kubutegetsi
    Biyumvira ko bazogigwa nkuko bagize abandi
    Hariho abantu bagomba gusega basegesha amazina yabantu. Nibabe basega kugatwe kabo
    L’homme de valeur AGATHON GWASA nibamureke yararenganye
    Imigambi yabo ninteguro zabo turazimenya
    Nicogituma babura aho bamuca kandi ntaco bazoshikako
    FNL n’Umugambwe ugengwa n’Amategeko
    Sumumugambwe wa kajagari nka ba dd
    GWASA komera kwibanga
    GWASA imigambi yabana babantu siyo y ’IMANA
    GWASA turagushigikiye tukurinyuma twese ntamuntu azokunyiganyiza
    IMANA irimbere natwe turinyuma
    Nidusangwe FNL Amizero y ’Abarundi bose

  • Ntamuntu numwe adafise amakenga
    Ntamuntu numwe adafise ubwoba bwo gupfa
    Ntamuntu numwe ashimishwa no gupfungwa
    Mbega aba dd ko bafise ubwoba bwokuva kubutegetsi
    Biyumvira ko bazogigwa nkuko bagize abandi
    Hariho abantu bagomba gusega basegesha amazina yabantu. Nibabe basega kugatwe kabo
    L’homme de valeur AGATHON GWASA nibamureke yararenganye
    Imigambi yabo ninteguro zabo turazimenya
    Nicogituma babura aho bamuca kandi ntaco bazoshikako
    FNL n’Umugambwe ugengwa n’Amategeko
    Sumumugambwe wa kajagari nka ba dd
    GWASA komera kwibanga
    GWASA imigambi yabana babantu siyo y ’IMANA
    GWASA turagushigikiye tukurinyuma twese ntamuntu azokunyiganyiza
    IMANA irimbere natwe turinyuma
    Nidusangwe FNL Amizero y ’Abarundi bose

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.