Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama idasanzwe hagati y’Afrika na Reta zunzubumwe z’Amerika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Inama idasanzwe hagati y’Afrika na Reta zunzubumwe z’Amerika

Inama idasanzwe hagati y’Afrika na Reta zunzubumwe z’Amerika

vendredi 4 Mukakaro 2014

Igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika guhera kw’igenekerezo rya 4 gushika kurya 6 Myandagaro, kizokwakira inama idasanzwe ihuza ibihugu vy ‘Afrika n’Amerika (un sommet Etats-Unis - Afrique).

Muri iyo nama abakuru b’ibihugu 40 nibo batumiwe, abatari bake baramaze kwakirwa canke n’abo barakiriwe n’umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z ‘Amerika. Guhera kw’igenekerezo rya 4 gushika kw’igenekerezo rya 6 Myandagaro, abakuru b’ibihugu vy’ Afrika 40 bazogana i Washington mu nama ihuza ibihugu vy’ Afrika na Amerika. Nk’uko bivugwa n’abategetsi b’igihugu ca Reta zunzubumwe z’ Amerika, iyo nama izoba ariyo kwigira hamwe imigenderanire mu vyo ubutunzi, hamwe n’umutekano n’intwaro ibereye, na rusangi.

Havuyemwo ibihugu bimwe bimwe , ibihugu bitari bike vyaratumiwe muri iyo nama. Mu batatumiwe hakaba harimwo umunyasudani Omar el Bechir afise umutahe wo kumuhagarika yarungikiwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, umunya Erytree Issayas Afewerki hamwe n’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe, aho abo bompi bafise ibihano bafatiwe n’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika. Muri abo bakuru b’ibihugu barindiriwe muri iyo nama, batatu bonyene nibo bamaze kwakira umukuru w’igihugu ca reta zunzubumwe z’Amerika , abo nabo n’umunyasenegale Macky Sall ,umunyafrika y’Epfo Jacob Zuma , umunyatanzaniya Jakaya kikwete.

Imbere y’uko agira urwo rugendo rwavuzwe gose n’ibinyamakuru, umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure yari amaze kuja mu bihugu vy ‘Afrika incuro zibiri gusa kuva yimikwa mu mabanga yo kurongora igihugu, guhera mu kwezi kwa Nzero umwaka w’ 2009. Ubwa mbere yagendeye i Kayiro mu Misiri mu kwezi kwa Ruheshi umwaka w’2009 , ubwa kabiri yagendeye igihugu ca Ghana naho mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’ 2009.


Floxella Karire

Messages

  • Aboba perezida batatu bafashe umwanyawambere mugushika muri Reta zunzubumwe za Amerika kuberiki bihuriranye nuko dusanzwetuzi ko barimuba perezida bambere bindryamunyo muri Africa nubwo sewa babitumwako H.E Pierre Nkurunziza atarashikayo!!!???

  • Jewe nibazako na Nkurunziza atarimwo!Ashaka kwitoza irya 3 aciye kubiri n’amategeko!Abihanize rwose ivyo kurenza 2 mandats!

  • Nkurunziza ntazohirahire ngo aze muri USA,kuko si ya manifestation gusa yaba april 29 ubu tuzorushirizaho kumwiyamiriza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.