Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama ihurikiyemwo abafasha Uburundi yatangujwe icese - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Inama ihurikiyemwo abafasha Uburundi yatangujwe icese

Inama ihurikiyemwo abafasha Uburundi yatangujwe icese

lundi 15 Mukakaro 2013

Inama ihurikiyemwo abafasha Uburundi aho abakurikirana ivyo biyemeje muri ya nama idasanzwe yabera i Geneve yatangujwe icese kuri uwu wa mbere, igenekerezo rya 15 mukakaro 2013.

Abategetsi b’igihugu c’ Uburundi uhereye kuri nyenicubahiro Petero Nkurunziza hamwe n’ivyegera vyiwe uko ari bibiri bakaba bari bitavye iyo nama, hamwe n’abandi banyacubahiro bari muri Leta y’Uburundi hamwe n’abashingamateka.
Abaserukira imigambwe imwe imwe, abataho begamiye mu vya poritike abarongoye amadini hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu n’abaserukira ibihugu vyabo bari ngaha i Bujumbura nabo nyene bari bitavye iyo nama.Iyo nama rero ikaba ifise intumbero yo guhamagarira abafasha Uburundi kugira bashire mu ngiro ivyo bemeranije igihe bari i Geneve mu bu Suisse.

Mw’ijambo yashikirije rijanye n’uno munsi ,nyenicubahiro Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, yashimiye abo bafasha Uburundi ku twigoro bakora mu gufasha igihugu cacu kugira bashobora gukuraho ingorane zijanye n’igwirirana ry’abantu, gufungura nabi hamwe n’ibindi bibazo bihanze igihugu. Umukuru w’igihugu nyenicubahiro Petero Nkurunziza yaciye ahamagarira abafasha uburundi bose kuja hamwe kandi kugira bongere bafashe Uburundi mu migambi yabwo y’iterambere. Amezi icenda inyuma y’inama y’i Geneve, amahera agera ku muriyaridi n’imiriyoni ibihumbi amajana abiri y’amadorari (1.2000000000 ) y’abanyamerika niyo amaze gutegekanywa n’abafasha kugira bashigikire imigambi imwe imwe tugereranije n’imiriyaridi zibiri n’imiriyoni amajana umunani (2800000000) y’amadorari yemewe i Geneve. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umushingantahe Pamphile Muderega, umukuru w’umurwi ujejwe kwegeranya izo mfashanyo.

Igisata co gutwara ibintu n’abantu, ubudandaji, ubumenyi, ibitsina hamwe n’igisata c’akazi amazi hamwe n’isuku nivyo biri muri bikuru bikuru bizovugirwa muri iyo nama aho biga igisata kimwe kimwe ukwaco, iyo nama ikazomara imisi ibiri.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.