IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Inama ihuza akarere y’agateka ka zina muntu

Bujumbura: Inama ihuza akarere y’agateka ka zina muntu

lundi 18 Munyonyo 2013

Mu rugendo umuyobozi w’agateka ka zina muntu n’intwaro rusangi muri Afrika yo Hagati Agbessi Ahowanou arimwo mu Burundi, yakiriwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.

Muri urwo rugendo, Agbessi ari kumwe n’umuhuzabikorwa mu buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu mu Burundi BNUB, akaba n’umuyobozi w’ubutungane bw’inyuma y’intambara n’ukumenyesha, Ahowanou yamenyesheje umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji ko ari mu Burundi kubera ibikorwa bibiri. Igikorwa ca mbere avuga ko yaje mu ruganda rwa karere ruraba ivy’agateka ka zina muntu n’itunganywa ry’ubutare, izoba ku magenekerezo ya 19 na 20 z’ukwezi kwa Munyonyo uyu mwaka, n’urundi ruganda ruraba ivy’agateka ka zina muntu, kuva ku magenekerezo ya 21 na 22 Munyonyo uyu mwaka nyene. Izo nama rero, zikazofasha abazozitaba bose bavuye mu bihugu bitandukanye, ukwo boshobora gutunganya ubutare, maze bugafasha mw’iterambere ry’ibihugu.

Ku bwa Albert Shingiro, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, akaba yashimiye abo bashitsi kubona batoye ko izo nama zihuza akarere zobera mu Burundi. Shingiro rero, akaba yaboneyeho akaryo ko kumenyesha y’ukwo Uburundi bwitwararika agateka ka zina muntu, ko bwashizeho n’umurwi w’igihugu uraba agateka ka zina muntu. Yabandanije avuga kandi ko, Uburundi bwama bwitaba amanama ahuza akarere, araba icukurwa ry’ubutare, kugira bufashe mw’iterambere ry’abanyagihugu.

Muri ivyo bikorwa rero vyose bizobera mu Burundi, Albert Shingiro akaba avuga ko Uburundi buzobifasha kugira bibe mu mahoro n’umutekano.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.