Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkarisha bwenge mwihanahana ry’amakuru muri EAC
Inama nkarisha bwenge mwihanahana ry’amakuru muri EAC
jeudi 18 Ndamukiza 2013
Ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe iyinjira mu karere k’ibihugu vy’Afirika y’ubuseruko,yatanguye kuri uyu wa 17 Ndamukiza 2013,bwateguye inama yo guhanahana ivyiyumviro, mw’ihanahana ry’amakuru mu karere k’Afrika y’ubuseruko.Iyo nama ikaba yari irongowe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afirika y’ubuseruko umushingantahe Yohani Rigi.
Yashimikiye cane kukamaro k’abamenyesha makuru mw’iyinjira ry’Uburundi mu karere,abadanya avuga ko ibintu bitatu arivyo vyokwirwa kuruta ibindi
1.Ihana hana ry’inkuru kubijanye n’ibisomwa vyerekeye akarere
2.Urutonde rwumikanyweko be n’urukurikirane rw’ivyirwa be n’ivyononosorwa ku bihugu vyo mu karere co kimwe n’Uburundi muri rusangi.
3.Itangwa ry’amakuru ku mice yose,rikazofasha abanyagihugu kumenya ibikorwa n’ishirahamwe.
Tubibutse ko ishirahamwe ry’ibihugu vy’Afrika y’ubuseruko rigizwe :Uburundi,Urwanda,Tanzaniya Uganda,Kenya.Uburundi bukaba bwinjiye mw’ishirahamwe muri 2007.
- Abari muri iyo nama nkarisha bwenge mwihanahana ry’amakuru muri EAC
Aristide Nizigire