Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkenguzamateka nshasha yatanguye ibikorwa
Inama nkenguzamateka nshasha yatanguye ibikorwa
mercredi 12 Myandagaro 2015
Inama nkenguzamateka yatanguye ibikorwa vyayo vya mbere kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 12 Myandagaro irongowe n’uwufise imyaka myinshi mu bakenguzamateka bitavye ibikorwa.
Nkuko bari bahamagawe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu kwitaba ibikorwa vya mbere vy’inama nkenguzamateka,abakenguzamateka batanguye ibikorwa barongowe n’umukenguzamateka Immaculee Ndabaneze afise imyaka myinshi.
Abakenguzamateka baciye bashinga umurwi w’abakenguzamateka 5 biga amategeko agenga ibikorwa vy’inama nkenguzamateka.Vyitezwe kandi ko inama nkenguzamateka ica itora abazoyorongora mu myaka itanu.
Naho umukenguzamateka Immaculle Ndabaneze ariwe yarongoye inama,Yohani Batisita Bagaza niwe yari kuyirongora ariko kuko atitavye vyabaye ngombwa ko asubirizwa.
Mwomenya ko ata numwe mu bahoze barongoye Uburundi yitavye ibikorwa vya mbere vy’inama nkenguzamateka.
IGIHE
Messages
12 Myandagaro 2015, 15:29, par MUKUNZI
NIBAGENDE BIRIRE AMAHERA Y.IGIHUGU
12 Myandagaro 2015, 18:32, par Mimy
nivyiza cane nibashakire umuti ibibazo bihanze uburundi n’abarundi. naho abo batayitavye nabo bizoshika baze bafatikanye nabandi kubaka igihugu,nubwo muri bose atanumwe yigeze atsinda amatora y’umukuru w’igihugu bunyuze mumatora.
12 Myandagaro 2015, 19:42, par intagoheka
abobatitavye turabazi kahisekabo’ntabwo arikeza nagato ntibantungany atwara ,abahutu birirwa barapfa baturirirwa mumapine yakoziki?,bagaza yugar amasengero,atem ibitoke,buyoya yicabantu intega namarangara,nibagende twarabahinyuye,bareke abagabo ,nabapfasoni bijunja nijambo bakore ,icanyuma ,niharambe ,nkurunziza,nabagumyabanga,bose
12 Myandagaro 2015, 20:01, par emma
emma
ibikogwa vyiza banyakubahwa mwebwe mwitavye ibikogwa vyunomusi. Abatitavye nabo ngira barabona ko ibikogwa vyigihugu cacu bibandanya gukogwa. Nosaba abo bahoze barongoye igihugu kwitaba ibikogwa none ko batitaba ibikogwa ntibahembwa umushahara wighg?
12 Myandagaro 2015, 20:15
mbega babony atanumwe yarongoy uburundi yitavy ntac bibajij
12 Myandagaro 2015, 21:49, par Matwiyumva
Ni basubirize mu myanya abasivye. Ntakundi. None biyankishije kurya? Iyishwe n’amata ntawundi mwerera.
13 Myandagaro 2015, 02:17, par fidelite
bagaza n"aba ba sans echecs biwe ayo badukoreye akiri mu mugambwe parena,mama jewe ndakunda kumwibagira nya butindi yatubujije kwiga. amashure yose arungika abanyeshure kuri kaminuza akayashira i bururi,natwe adushiriraho ayo kwigisha ngo tuzokwame duforma abana b’imvuvyi,za i na u ayo zakoreye umwana w’umuhutu,ubugesera buraho mumaze kubona ingene asigaye asa,asa n’isato ishaje,puuu,ubu ari muri rebellion ngo baze baturye ivyo binywmaraso,mbega uwobahana abo badatonda bakabasubiriza burundu,ako si akanyaro ko barya ataco bakoze?
13 Myandagaro 2015, 09:55, par Gakunzi
emma we umuntu asomye ivyo wandika akubonamwo ubujuju bwinshi cane.none ko uvuga gutyo, ntubona iyo igihugu kigeze? Abariko baranyinyurana, ahanini ntibari abagumyabanga mbere bamwebamwe baciye no kurugamba naho wewe ntazi ivyawe? Mukirundi bavuga ngo inkuba ikubise ntuvuge ngo mara abansi kuko n’umukunzi barajana
13 Myandagaro 2015, 17:08, par Bakari
@MUKUNZI
"NIBAGENDE BIRIRE AMAHERA Y.IGIHUGU"
None ko ayo mahera ari ku mushiro, mu nyuma bazorya iki? Amabuye?