Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkenguzamateka yemeje batandatu bagiye guserukira Uburundi mu (...)
Inama nkenguzamateka yemeje batandatu bagiye guserukira Uburundi mu makungu
vendredi 4 Mukakaro 2014
Inama nkenguzamateka y’uburundi yemeje amazina atandatu yabagiye guserukira igihugu c’ Uburundi mu bihugu bitandatu bikurikira Nigeria ,ubuhindi ,Turikiya , Dubai hamwe n’igihugu ca Maroc.
Mu bikorwa vyayo vyo kuri uno wa kane igenekerezo rya 3 Ruheshi ,inama nkenguzamateka yagenye abantu batandatu bagiye guserukira Uburundi . Abo nabo ni umupfasoni Régine Katabarumwe ,umututsi imvukira yo mu ntara ya cankuzo , agiye guserukira Uburundi mu gihugu ca Nigeria , Mathias Haranungarawe umututsi w’i Mwaro , agiye guserukira Uburundi mu gihugu c’ Ubuhindi .
Joel Nkurubagaya ,umuhutu imvukira yo mu ntara ya Ruyigi ,agiye kuba umuserukizi w’ Uburundi mu gihugu ca Turikiya, Epimène Bapfinda ,umuhutu imvukira y’ i Makamba agiye guserukira Uburundi i Dubai , Isaie Kubwayo umuhutu avuka mu ntara ya kayanza ,yagenywe aserukire Uburundi mu gihugu ca Maroc ,uwa nyuma akaba ari Albert Shingiro umuhutu avuka mu ntara ya kayanza akaba azoserukira Uburundi i New York muri reta zunzubumwe z’ Amerika .
Floxella Karire
Messages
4 Mukakaro 2014, 11:47, par josua
Cibitoke Cibitoke Cibitoke. Uhorwa iki? Nkurunziza naveho nukuri AMA nomination yose akora ntiyigera anoma umunye Cibitoke numwe
4 Mukakaro 2014, 11:47, par josua
Cibitoke Cibitoke Cibitoke. Uhorwa iki? Nkurunziza naveho nukuri AMA nomination yose akora ntiyigera anoma umunye Cibitoke numwe
4 Mukakaro 2014, 13:09, par nwari
abatutsi ko ari babiri??abatutsi va hasi muharanire inyunguzanyu muhabwa tegeko reka gutinya nkurunziza ??umuhutu afise ivyiwe! umututsi nawenyene !vahasi rero numugabwe wahora ububahiriza yarawutwaye none mwuva musigaje iki ejo aho bukera muzabira nkayampene ndabarahiye
4 Mukakaro 2014, 16:01, par Uwubizi
Albert Shingira narinzi ngo ni umuhutu w´i Karuzi!!! Sinaheruka ari umunya buhiga??!
4 Mukakaro 2014, 17:18, par cindizi
deux ressortissants de KAYANZA kwa Pie hein, hein, Cibitoke, nubu ni KAMUKINGO, igikora, plus jamais ou plus ce que ça, si uburundi bushasha d’équilibre régional
4 Mukakaro 2014, 17:26, par cindizi
Deux ressortissants de KAYANZA, hein, hein, chez Pie? Ni KAMUKINGO ikibandanya, isi yaremwa, ou ntamvukira de Cibitoke, je dis bien "originaire de Cibitoke ou un vrai autochtone" araba umwa Ambassadeur, plus jamis ça, ou plus que ça?, si Uburundi bushasha d’équilibre régional, Ndadaye yipfuza
4 Mukakaro 2014, 18:12, par Mama
Twebwe tureba kwaraabarundi gusa, none ivyovya Cibitoke bijegutse? Iwacu Bururi,Karuzi,Bujumbura, Ngozi, Muyinga, Kirundo, Mwaro, nahandi mwibaza abobantu batandatu kobarikudukwira? Igikuru nuko bababaserukiye igihugu cose.
4 Mukakaro 2014, 21:06, par RUTOVU
We nwari,icukwiye kumenya nuko w’ibuka ico yamategeko yava iyarusha ico avuga kubijanye na %,kuko bivugwa ko mumirimo ya L’Etat bwikwiye ko hobamwo60%,na 40%.ndakwibutse ko abahutu aribo bangana80%,abatwa7%,abatutsi13%,muriki gihugu cacu,ntibitangaje rero kuba abahutu ari 4kuri 2tutsi,ahubwo babitunganije neza.
5 Mukakaro 2014, 13:35, par nickyelie@yahoo.com
biratangaje iyo tubonye bariko baragabangani ubutegetse ari amoko abiri(2)ikintangaza kandi kimbaza nuko abatwa babakumiriye bakabafata nkuko atari abarundi.mbega iyomyanya muyitanga mwisunze amasezerano y’arusha?biratangaje kubona uburundi butwarwa nabantu ukobishakiye nkuko mbenga ntabagabo barimwo!
6 Mukakaro 2014, 21:00, par gicocoro
ikintu maze,imisi mbona kuri portique,y’uburundi,barakwiye kubivuga muri ONU cibitoke,tukigenga canke,bakatugira aba congomani,nkuko bama babitwagiriza,kk imyaka iheze abanyecibitoke bacinyizwa n’umutware uwariwe wese,yarimaze,abaharanira ubutegetsi,muvyumve,muze mugarukire,aba Barundi bene wanyu babanye cibitoke,baracinyijwe,sagaseseshwa rumuri.