IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inama nkuru y’umutekano yagiriza abamenyeshamakuru ko barenza (...)

Inama nkuru y’umutekano yagiriza abamenyeshamakuru ko barenza urugero

mercredi 12 Munyonyo 2014

Inama nkuru y’umutekano iriyamiriza ibishikirizwa n’abamenyeshamakuru ku bijanye n’ihungabana ry’umutekano w’igihugu.

Inyuma y’inama nkuru y’umutekano yaremeshejwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuri uwu wa mbere, mu cegeranyo cahosowe, bariyamiriza ivyo bita amakuru atariyo, kandi atatohozwa na bimwe mu bimenyeshamakuru, ashikirizwa ku bijanye n’ihungabana ry’umutekano mu Burundi. Inama nkuru y’umutekano imenyesha ko ayo makuru ashira abanyagihugu mu bwoba n’amakenga, ari naco gituma bayiyamiriza.

Kubw’iyo nama nkuru y’umutekano, umutekano w’igihugu wifashe neza muri rusangi, kiretse ubwicanyi n’ayandi mabi vyibonekeza rimwe rimwe, ivyo navyo bikaba bituruka ku busuma, amatati y’amatongo, hamwe n’abanyagihugu bagitunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha. Inama nkuru y’umutekano yasavye abajejwe umutekano gukora ibishoboka vyose, kugira babungabunge amahoro y’umutekano.


Egide Nduwimana

Messages

  • IVYO NIVYO.. IBINYAMAKURU HAR IGIHE BIVUGA NK IBIRAGA, YEMWE BURYA RERO BIRININTUMBERO YINDI...AHUBWO ABARI MURIYO NAMA NKURU Y UMUTEKANO KUMBURA NUKURI MUKANURE CANE,NTIVYOROSHE.

  • Iyi ni inama cg ni ubusabane?ko mbona ari ukurya no kunywa nibamara guhaga barahita bisinzirira.

  • Ariko abategetsi bacu barateye isoni. Urabon aukunt bicaye biteretze amazi ni Fanta kuruhande bari muri Dîner canke bari munama. Jew enagirango fanta bayinywa bariko barafungura canke bahejeje. Kubera iki badafata icayi canke ikawa canke amazi yo muri robinet ko ahari. Uwudakunze igihugu ahitamwo gukunda inda

  • Ivyo nivyo ubu abamenyeshamakuru niko bariko baturira igihugu cari cibereye mu mahoro mugabo Imana irabibona kandi hariho isaha yabo kuko nta mvura idahita!

  • Hahahahhhh ark dufise abategetsi biyorobeka ku Mana pe..Abazi ivya bibiriya ngo hari amasengesho ASESEMA Imana murabaza. Nibavuge ukuri bemange imbonerakure barungitse kiliba ondes bongere bemere ko haba amatohoza ataho yegamiye.

  • jembona ko iyonama yumutekano ikwiye kutubwirira babashingamateka twatora baduserukira baze bashware igihugu. batubwize ukuri kwivyo bivugwa na yomaradiyo. bityo bitume dukunda abategetsi bacu kuruta uko dukunda ayo maradiyo, kandi twongere tunabatume gufata ingingo zofatwa. kurayo maradiyo acivutu abanyagihugu, kandi ninayo. bigwanisho vyabanye priticque.batavuga rumwe na reta. kimwe gusa nuko abanyagihugu bato batabimenya, tu

  • yoooo hahahhahaa ehe bazombanza ukungene yavyibushe yewegayeeee. Hewe iwmwaro harimukumwicisha inzara. ehe amatama ingene asigaye angana. uyu niwe yovugira abanyagihugu akanka ivyo dd yemeje kandi ariyo imutamika imikate n’amagi hahahahhahaaaa

  • Too much paper stuff, why do Burundian authorities not go electronic in their daily governmental tasks? Seems as though Burundi is still stuck in the 80’s.

  • Mwantabonamwe twarratewe ntitwabimenya!!!none kobahaya Imana nukuri ni vyo mubona ariyo basenge????canke basenga zabayali nkazimwe bakamenyi basenga i kalumeli?bazomaramara zitabishuye!!!!noneayo maradio nibinyamakuru biturira igihugu bo ko arabasenzi bavugukuri bashikirije ukuriki abanyagihugu????? Kobazimana nibamenyeshe abarundi ko zirya mbonerakure zigisibije kwataribo babatumye? Ababikora kotubazi batumwe na dd kandi ubwicanyi,ubusuma ,guhungabanya umutekano babikora bafashwe mumugongo na leta ya dd ,kugeza ubu bagahendabantu ngonamahoro. Hanyuma ngo nabasenzi ,mutubarize ko baba bariko bashimimana yabahaye imbonerakure zizi ibikorwa na baRukoti...Pieter Nk mumutwibukirize isomo rya Bible yashikirijwe na Presidant wa General conference wa Adventist igihe yaza muburundi.,,,,Mika 6:8 Asubiremwo asome hanyu yihe inyishu!!!!

  • What I see is that the government shall take it for grantage since it has already been said it may be true we never know!

  • What I see is that the government shall take it for grantage since it has already been said it may be true we never know!

  • Ivyovyovyo nivyo abamenyeshamakurubamwe barabaye katamanikirwa, ariko icobivako bobobashaka kuvuva ibintubitima abakunzibigihugu nabasibigihugu bitaho gukurikirana cane ibiganirovyabo buryajewe ndamaze kuba.enyeragake ubiravye iyobanditse inkurifise umutwewamajambo uvugango’ Umushikiranganji wuburimyi nubworozi azoganira nabarimyi kubijanye nukuntu umuntu yorima ahantuhato ariko akimbura ibizomugirira ikamaro iyonkuru abasomyi ntibayugurura ngobayisome canke abumvise iyoncamake yamakuru bacabazimya amaradiyo ngo unomusi amakuru arabishe. Ariko bavuze incamake ivugango’ Imbonerakure zose narungitswe muri Congo kwitegurira kuzokora itsembabwoko, abakunzibu Burundi abasi Buburundi abajejwumutekano abategetsi bigibugu ONU etc bacabihutira gusoma canke kwumviriza iyonkuru bivuyinyuma, ahorero umumenyeshamakuru acayumva mengo agezwsho kubera abantubarikobaramurikirana ivyavuze aribeshi arikogusa bira abaje kubona italiki yokubesha yahora iba kwitariki yambere Ndamukiza ariko bamwemubamenyeshamakuru bakabonako arukuguma bahendabantu burimusi abachristu bavugako ababeshi bazorandurwa numuriro udahera, abarindinabo ngo Hakubana numubeshi wopfuma ubana numurozi, abandinabongo iy’Isi yakinogihe kugiruyibeko nugukoresha amayeriyose ashoboka, Harinuwuherutse kuvigako umuhungu wokwanaka yamubonye ikiziga bamwishe kumbe arabesha nugushakako abamuhayakazi bumve kwarikwarakora kuko atagize icavuga baraheza bakavugango ibintumugihugu nivyiza ntitugikeneye kubandanya ukora icogimorwa twagushinze, muvyukuri kubera uwomuntu yarikwaravugira kwiradiyo kuwomuhugu yishwe uwoyavurwakoyishwe yaciyavyumva acarahamagara avugako ariho ngokandi nahohantu bavuga ntahonzi nuburero nkekako uwomuhungu yobayarashingishije urubanza.

  • ikiriri mubategetsi nta nkoho zivugirayo nta bakubitwa imipanga bariyo...nibasamire kumusozi twarabahinyuye

  • yoooo,mana garukira uburundi bwacu n’abategetsi bacu kuko ntibumviriza nagatoya amarira y’abatwarwa babo ahubwo bobo wogira ngo baramaze gushika mubwami bw’ijuru aho abanyagihugu bwira bagakorozwa amosozi n’ugutinya gukubitwa imipanga n’abantu bambaye ibikoti birebire.banyagigu benewacu nobavunira akagohe mvuga nti:hagurukire icarimwe twese twirarire tugwanye iyomigwi.kandi uwo mufashe muca mumwihanira gutwo niho ubutegetsi buzova mugatiro barimwo;ahandiho turasubira mukaga k’intambara kuko yama itangura gutyo!murakoze.

  • Muzotangazwa n’ubuhinga mwebwe mugomba gupinga ubutegetsi bwatanzwe n’IMANA.nimumenye kandi mumenyere ko ubutegetsi buva kumana,naho mworaramwo,mukarara mudasinziriye mwifuza kuja kubutegetsi imana itabishatse ntimuzokorako,nyakwubahwa president NKURUNZIZA pierre witorewe na banyagihugu komera kungoma.twe twagushinz’ayo mabanga nitwe ndufise ijambo ryanyuma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.