Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nshingamateka ihamagarira ababishoboye gutanga intererano zabo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka ihamagarira ababishoboye gutanga intererano zabo (...)

Inama nshingamateka ihamagarira ababishoboye gutanga intererano zabo mw’iyirwa ry’amategeko

mardi 3 Ruhuhuma 2015

Ibikorwa vy’ukwezi kwa Ruhuhuma vyaraye vyuguruwe mu nama nshingamateka y’Uburundi.

Mw’ijambo ry’ukwugurura ivyo bikorwa ryashikirijwe n’umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma, akaba yavuze ko ivyo bikorwa bitanguye mu gihe bafise amabwirizwa atari make azirwa, ndetse akaba yatumiriye yaba abarongoye imigambwe, abarongoye amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike atandukanye, abarongoye amashengero hamwe n’abandi bose babishoboye kuza gutanga intererano yabo.

Umushingamateka Piyo Ntavyohanyuma akaba yasavye abatandukanye bari mu migambwe, kwitegurira neza amatora buca atangura mu kwezi kwa Rusama, aho abarundi bazitabira amatora yo gutora abazobarongora imyaka itanu iri imbere. Ivyo birori vyo kwugurura ivyo bikorwa vyari vyitabwe na bamwe mu baserukira Reta y’Uburundi, bamwe mu bakozi bo mu buserukizi bw’ibihugu vyabo mu Burundi, abaserukira amwe mu mashirahamwe n’abandi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.