Accueil > Amakuru > Poritike > Inama nshingamateka yarangije ibikorwa
Inama nshingamateka yarangije ibikorwa
vendredi 1er Rusama 2015
Inama nshingamateka yararangije ibikorwa vyazo vy’ukwezi kwa kabiri 2015, ivyo bikaba vyarangiye kuri uno wa kane igenekerezo rya 30 Ndamukiza. Umukuru w’inama nshingamateka yavuze ko integuro z’amategeko zishika 11 arizo zizwe zongera ziremezwa.

Mw’ijambo ryiwe ryo kurangiza ibikorwa vy’inama nshingamateka, Piyo Ntavyohanyuma arongoye inama nshingamateka y’Uburundi yavuze inama nshingamateka yaranguye ibitari bike, mu kiringo bari bamaze bakorana na cane cane mu bijanye no kwiga no kwemeza integuro z’amategeko.
Mu nteguro z’amategeko bize bongera baremeza, harimwo integuro y’itegeko ryo gufashanya hagati y’Uburundi na Maroke, integuro y’itegeko ishiraho intara ya Rumonge, hamwe n’integuro y’itegeko isubiramwo itunganywa gushasha ry’igisata c’umuyagankuba.
Ku bijanye no guserukira abanyagihugu, umukuru w’inama nshingamateka yamenyesheje ko batunganije ingendo mu gihugu hagati mu ntumbero yo gushigikira abanyagihugu mu bikorwa vya minsi yose hamwe no guhamagarira abanyagihugu kwitaba amatora yimirije.
Mu gisata co gukarihiriza ubwenge abakozi b’inama nshingamateka, Piyo Ntavyohanyuma yamenyesheje ko inganda zitandukanye zatunganijwe mu ntumbero yo kwigisha abakozi b’inama nshingamateka ku bijanye n’isuku aho basanzwe bakorera.
Mwomenya ko ibikorwa vy’inama nshingamateka bizosubira kuba bigizwe n’inama nshingamateka nshasha inyuma y’amatora azoba kw’igenekerezo rya 26 rusama.
Van Naris Mugisha
Messages
2 Rusama 2015, 10:09, par de la chance
Iyo nama nshingamateka n’ifate akayira ijane amahoro.yarakoze neza kutemeza guhindura ibwirizwa shingiro.amahoro ajane nabo
2 Rusama 2015, 14:43, par mpozenzi
Mbega ko bahora bagenda bikebeye amatongo uyu mwaka bihaye hehe none???
uwo hamanya azambarire ngaho nyene??