Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nshingamateka yatoye integuro y’itegeko risubiramwo ibikorwa bijejwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yatoye integuro y’itegeko risubiramwo ibikorwa bijejwe (...)

Inama nshingamateka yatoye integuro y’itegeko risubiramwo ibikorwa bijejwe igipolisi c’Uburundi

vendredi 25 Ndamukiza 2014

Abashingamateka baratoye ku munsi w’ejo kuwa kane igenekerezo rya 24 Ndamukiza, integuro y’itegeko ryo kuwa 31 Kigarama 2004, iyo nayo ivuga abagira urwego rw’igipolisi hamwe n’ibikorwa bajejwe n’ukungene urwo rwego rukora.

Kubwo umushikiranganji w’umutekano Gabriel Nizigama, iryo tegeko rizoza gutorera inyishu ingorane yahora ihari hagati y’inzego zibiri, ibiro vy’ubushikiranganji bw’umutekano w’igihugu hamwe n’ubuyobozi bukuru bw’igipolisi, aho ibikorwa vyabo vyasa n’ivyinjiranamwo.

Iyo nteguro y’itegeko izotuma kandi amakosa amwe yahora akorwa akosorwa, eka n’izazanirwa (confusion) ryahora riboneka rimwe na rimwe mu mazina ahabwa ibisata bitandukanye navyo nyene bizokosorwa. Muri iyo nteguro y’itegeko kandi hari amazina azoca ahinduka, umuyobozi mukuru aca yitwa umukomiseri mukuru, hanyuma uturere tw’igiporisi natwo duca dusubirizwa n’ivyo bita amakomisariya y’amakomine canke y’intara y’igipolisi (Commissariats communaux ou provinciaux de police).

Iyo nteguro y’itegeko yaciye yemerwa ijana kw’ijana n’abashingamateka 87, muri abo hakaba harimwo batandatu batumye.


Floxella Karire

Messages

  • ndabikunze biraryoshe ngira kakajagari kagiye kugabanuka

  • ivyovyitwa.kuyoramwasheshe.kandiharya.ubwengeburarahugwa.nimubemutemberamubihugubibanyi.murabeingene.inzegozigiporisi.zitunganijweningen.umuporisiwesemugisataarimwoingeneyubahirizaamategeko.ivyonivyakwirikizwa.numutekanouzobonekagusumba

  • Abanigutumwanya gusa batora ibidafisakamaro amagaburanyama yoguhana gusa ibiti ahokiga ikibazo cimbonerakure zimazabantu nikuvuga ingene mwitunganiriza ivyicaro abonikunigana nabanyagihugu barasabantu atankoho bafise.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.