Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nshingamateka yemeje itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yemeje itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha (...)

Inama nshingamateka yemeje itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru

jeudi 4 Ndamukiza 2013

Inama nshingamateka y’Uburundi yemeje kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 03 Munyonyo 2013, integuro y’itegeko rishasha rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru.

Integuro y’iryo tegeko igarutse ubugira kabiri inyuma y’aho isubirijwe muri Leta mu mpera z’umwaka w’2012, bivuye ku mpari nyinshi z’abashingamateka zatumye iryo tegeko ridatorwa.

Kubw’iryo tegeko, itangazamakuru rizorenga ku mategeko agenga uwo mwuga rizohanishwa amande kuva ku miliyoni zitatu gushika ku miliyoni umunani z’amafaranga y’amarundi. Ikindi kiboneka nka gishasha muri iryo tegeko, ni ikarata iranga abamenyeshamakuru izohabwa abafise urupapuro rw’impamyabushobozi muri ico gisata gusa.

Ku barufise mu bindi bisata, hazosabwa inyigisho z’uwo mwuga canke uburambe bw’imyaka ibiri mu kazi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.