Accueil > Amakuru > Ubutungane > Inama nshingamateka yemeje itegeko rishasha rigenga umurwi CNTB
Inama nshingamateka yemeje itegeko rishasha rigenga umurwi CNTB
samedi 28 Kigarama 2013
Inama nshingamateka yatoye impinyanyuro nshasha y’itegeko rigenga umurwi utatura amatati y’amatongo nayandi matungo, CNTB (Commission Nationale Terres et autres Biens). Iryo tegeko rishasha rikaba ririmwo ishingwa rya sentare idasanzwe izoca imanza zijanye n’amatongo hamwe n’ayandi matungo.
Ingingo 45 ziri mw’itegeko ryari risanzwe rigenga umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo nayandi matungo nizo ziriko zirirwa n’inama nshingamateka ngo zihinyanyurwe. Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo 28 Kigarama 2013 aho hari haramutse hirwa iyo mpinyanyuro, umurwi w’abashingamateka bakomoka mu mugambwe UPRONA bakaba babanje gutaramuka kugira babonane. Inyuma yuwo mubonano, umushingamateka Bonaventure Gasutwa akaba yaciye ashikiriza ibibazo vyofatirwako muri iryo hinyanyurwa. Ivyo rero bakaba batabibemereye maze abo bashingamateka bo muri UPRONA bakaba baciye bafata ingingo yo kwiyonjorora muri ivyo bikorwa.
Iyo mpinyanyiro y’itegeko rigenga umurwi CNTB yatowe ikaba ihaye ububasha uwo murwi ubushobozi bwo kugira sentare idasanzwe ica imanza z’amatongo n’ayandi matungo. Bisigura ko uwo murwi wa CNTB uzoca urubanza kandi ingingo yiyo sentare ikaba izoba ari ntayegayezwa. Uwudashimye urubanza uwo murwi uzoba waciye, azoba afise uburenganzira bwo kwungururiza muri iyo sentare idasanzwe ya CNTB. Ntayindi sentare izoshobora kungururizwamwo urubanza rwaciwe n’iyo sentare.
Abashingamateka bo muri UPRONA bakaba bavuga ko hahonyanzwe ingingo y’205 yo mw’ibwirizwa nshingiro mu gace kayo ka 3, hamwe n’iya 36, ingingo zijanye nuko abantu barekuriwe kuburana.
INGABIRE Luc-Noël
Messages
28 Kigarama 2013, 19:22, par BIGIRIMANA Diego
Nibaje hamw bumvikane bagirico bahuriyeko kubera igihugu nicabarundi bose,president nahagarik iryo tegeko kubera batavyemej bari mumigambwe itandukany vyotera induru!hama aba DD Bameny kwigihugu atari rwabo gusa ari ukuza brasangira ijambo nabo batatvga rumw murakoze!
29 Kigarama 2013, 14:40, par Kimuri
ABAPORONA OYEEE!!!!! MWEMERE BABAHONYANGE MWANSE KUGIRA NKUKO ABANDI BAGIZE MUTI TWOBA TUGAYITSE NONE MURIKO MUHINDURA IKI? AHO MWIBAZA KO MWEREKANA KO MWAVYANSE KANDI MUHEMBWA KO MWIRONDERERA IMISAHARA GUSA MUTABABAYE ABANYAGIHUGU EMERA NYABUNA MUSOHOKE MUMAZU NAMATONGO YABANDI. IMANA IHORA IHOZE IPRONA.
29 Kigarama 2013, 18:16, par havugimanaavit
igi hugu cacu nico guse ngera kuko carabuze aba tware bukuri .nibazako giheruka umu twa re mw iza kuri gwaga sore ubuho dusigaje kunva aba D D bakigurishij nabanyamika .aba bishoboye nibadu fa she. ABAPORONA nabo turabashigikiye naho nabo nye nebatera.
30 Kigarama 2013, 10:11, par de Santos
Birumvikana ko abatutsi barwanya itegeko nkiryo ari kubera bibakorako ,nibabure yo kwemera bagasubiza benevyo umuhero utarabashikako.kwa nini wanang’a ng’a nia kurudisha mali za watu?