Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nshingamateka yemeje ko ikivuko ca Bujumbura gihabwa ishirahamwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Inama nshingamateka yemeje ko ikivuko ca Bujumbura gihabwa ishirahamwe (...)

Inama nshingamateka yemeje ko ikivuko ca Bujumbura gihabwa ishirahamwe rishasha GPS

dimanche 9 Kigarama 2012

Ku munsi wa gatanu italike 7 ukwezi kwa Kigarama, abashingamateka baremeje integuro y’itegeko ryo gushira mu munwe y’abikorera utwabo ikivuko ca Bujumbura. Ishirahamwe rishasha Global Ports Services niryo rigiye gutunganya ibikorwa vyose vyo kuri ico kivuko.

Kuva mu gatondo nk’igihe c’isaha zine, hari inkuru zavuga ko inama nshingamateka ishobora kwemeza integuro y’itegeko ryerekeye ikivuko ca Bujumbura ariko ntawari bwavyemeze neza, cari kikiri ikinyegezwa.
Ku mutaga nk’igihe c’isaha zitandatu niho inama y’abashingamateka yakorana. Hari ikibazo kimwe gusa biga cerekeye ishirahamwe rishasha Global Ports Services rigiye guhabwa gutunganya ibikorwa vyose vyo ku kivuko ca Bujumbura.

Uwurongoye sentare icungera amatungo ya reta ‘’ la cour des comptes’’ yari yishikiye mu nama nshingamateka kugira asigure aho ibintu bigeze ku vyerekeye ishirwa mu minwe y’abikorera utwabo ico kivuko ca Bujumbura. Elysée Ndaye yabwiye abatowe n’abanyagihugu ko boreka reta igaheraheza umugambi wo gushira mu minwe y’abikorera utwabo ikivuko ca Bujumbura kuko ata tegeko na rimwe ryahonyanzwe ku vyerekeye itangwa ry’amasoko ya reta.

Abashingamateka wamenga bumvikanye imbere y’igihe igikorwa bagiye gukora. Nka bose badugirije amaboko rimwe kugira bavyemeze.
Naho biri uko abashingamateka baturuka mu mugambwe UPRONA baratangaye nk’uko umukuru w’uwo mugambwe Charles Nditije yabivuze.’’Biratangaje kuko bigenze gutya kuko iri shirahamwe rishasha Global Ports Services ntiriravuka, riracari mu mvugo gusa’’.
Uwundi mushingamateka wo muri uwo mugambwe Bonaventure Niyoyankana, yahora arongoye UPRONA,yavuze ati’’Umugambwe uri ku butegetsi urahejeje kugurisha inyungu z’abanyagihugu’’.

Abashingamateka 91 nibo bemeje iryo tegeko, 6 nabo baturuka mu mugambwe UPRONA bararyanka.

Umushikiranganganji wo gutwara abantu n’ibintu Moise Bucumi, yaheruka bubwira inama nshingamateka ko umukuru w’igihugu yamaze gusohora itegeko rishira mu minwe y’abikorera utwabo ikivuko ca Bujumbura. Yavuze ko abashingamateka ataco bagihindura.

Ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire ribona ko abashingamateka batashoboye gucungera inyungu z’abanyagihugu babatoye. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME yavuze ko itangwa ry’ikivuko ca Bujumbura ririmwo ukunyuruza amatungo ya reta no kurya ibiturire. Yongeye kandi amenyesha ko iryo shirahamwe rishasha ryahawe gutunganya ikivuko ca Bujumbura ritaravuka ‘’Entreprise fictive’’.

Umuhinga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze guhamagarira abarundi guhindura ingendo, risaba nyabuna abashingamateka kwisubirako bagahagarika ico gikorwa kuko gihonyanga amategeko agenga amasoko ya reta. Yavuze ko ata mahiganwa yabaye hagati y’amashirahamwe arenga abiri. Asaba kandi ko hojaho umugwi w’abahinga wocungera ukongera ugaharura ingene amatungo ya reta ari mu kivuko ca Bujumbura arenga imiliaridi 700 atohomba canke ngo anyuruzwe.

Ata gihindutse, italike 25 z’uku kwezi kwa Kigarama, ishirahamwe rishasha Global Ports Services rizosubirira irindi ryitwa Exploitation du Port de Bujumbura ryari rimaze imyaka irenga 20 rigenzura ibikorwa vyose vyo ku kivuko ca Bujumbura.

Kw’ifoto: Abashingamateka


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.