Accueil > Ubutunzi > Inama nshingamateka yemeje integuro z’amategeko zibiri
Inama nshingamateka yemeje integuro z’amategeko zibiri
mercredi 26 Munyonyo 2014
Inama nshingamateka yemeje ata n’umwe avuyemwo, integuro z’amategeko abiri kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 26 Munyonyo.
Muri izo nteguro imwe iraba iyemezwa ry’amategeko agenga ifaranga rimwe mu karere k’ Afrika y’ubuseruko, iyindi nteguro yitegeko ikaba iraba ukwemeza amasezerano hagati y’igihugu c’ Uburundi hamwe n’ishirahamwe ribuza abakoresha ibigwanisho bicira ubumara OIAC (Organisation pour l’interdiction des armes chimiques).
Ku cerekeye integuro y’itegeko iraba ikoreshwa ry’ifaranga rimwe mu karere k ‘ Afrika y’ubuseruko ,abashingamateka bashatse kumenya nimba igihugu c’ Uburundi kizoba caramaze kuriha imyenda gifitiye ibanki nkuru y’igihugu . Umushikiranganji w’intwaro ibereye yishuye ko bishoboka kuko ivyo bihugu biri mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko bifise ikiringo co gushika mu mwaka w’2024 kugira bazobe bujuje ibisabwa vyose.
Uwaserukiye Reta y’ Uburundi muri ivyo bikorwa mu nama nshingamateka yamenyesheje ko Reta y’ Uburundi ifise umwenda w’amafranga ugera ku 667.581.000.000 y’amarundi muri ayo 468.148.000.000 akaba arayo ifitiye ibanki nkuru y’igihugu.
K’ubwo umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye, Ernest Mberamiheto, ngo birashoboka ko Uburundi bushobora kuba bwikuyeko uwo mwenda mu myaka icumi iri mbere , imbere y’uko haba ishirwaho ryo gukoresha ifaranga rimwe muri bino bihugu bigize akarere k’ Afrika y’ubuseruko.
Floxella Karire
Messages
28 Munyonyo 2014, 21:03, par Emelie Narababaye
Nta mugabo atagira umwenda,abayiba!kimwegusa n’uko yogaburira abana biwe uko bikwiye ntihabe umwana nigitorwa.ico mbona n’uko mw’iyo myaka10 yukuriha iryo deni,ata mugambi Uzosubira kurangurwa;aho gukora umugambi, bazoca bayariha. ico ntazi n’iyo bazoyakura.Ariko ikibabaje n’uko mu bakozi b’iyoleta notament"abarimu", bafashwe nabi cane n’iyobagize ngo bararyogoye,bakubitwa ku munwa. murumva ko iryo fakara ry’amahera ryose biherejemwo,tuzoyarihatutayariyeko ;barakwiye kwikubita agashi,itunga ry’igihugu risabikanywe propportionellement.