IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Ic’ukwo Reta igiye gutubika umukanda ni uruhendo’’

"Ic’ukwo Reta igiye gutubika umukanda ni uruhendo’’

vendredi 27 Kigarama 2013

Ibiciro nta nkeka bishobora kuduga mu mwaka wa 2014, mu gihe Reta ifise igihengeri c’imirayaridi 100 ku mafaranga izokoresha mu mwaka uza, abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike bakagiriza inama nshingamateka ko idatahura neza uburemere bw’integuro y’amafaranga Reta ikoresha.

Itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2014 irimwo utunenge twinshi nk’uko vyamenyeshejwe na Faustin Ndikumana , yaserukiye amashirahamwe yagiye hamwe kugira akurikirane itegeko ry’amafaranga Reta izokoresha. Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yaragize ico ashikiriza inama nshingamateka, ku vyerekeye itegeko ry’amafaranga azokoreshwa na Reta muri uno mwaka wa 2014. Mu kiganiro ku banditsi n’bamamenyeshamakuru catunganijwe na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, avuga ko harimwo utunenge twinshi cane muri iyo nteguro. Ic’uko Reta igiye gutubika umukanda n’uruhendo kuko Reta vyarayinaniye kugabanya amafranga izokoresha mu kubaho kwa minsi yose ico bita ‘’frais de fonctionnement’’. Mu mwaka wa 2014, izokoresha imiriyaridi 692,1 mu gihe muri 2013 yakoresheje imiriyaridi 653,7 .’’

Inama nshingamateka y'Uburundi

Reta ifise igihengeri c’imiriyaridi 100 kuyo izotoza imiriyaridi 600 gusa. Igihengeri c’imiriyaridi 100 kizokuzuzwa gute, ati ukwo ni ukunigira mu menshi abanyagihugu mu kuduza ibiciro.’’nk’uko bibandanya bivugwa na Faustin Ndikumana. Utundi tunenge twibonekeza nk’uko bibndanywa bivugwa na Faustin Ndikumana, ni uko Reta n’ubu bikiyogoye gutunganya imishahara aho ibice 6,2 ari vyo vyiyongeyeko ugereranije n’umwaka w’2013. IKindi kandi bavuga ko bitumvikana ingene Reta ivuga ko imigambi yashizwe imibere ari, uburimyi n’ubworozi, igisata c’ingenzi hamwe n’igisata c’umuyagankuba, kandi amafaranga azokoreshwa muri ivyo bisata yaragabanijwe. Mu gisata c’uburimyi, ku mafaranga azokoreshwa imirayiridi 170 Reta izoshiramwo imiriyaridi 30 gusa ayasigaye iyazeye hanze, igisata c’umuyagankuba muri uno mwaka wa 2014, bazokoresha imiriyaridi 88 mu gihe mu mwaka uheze yari imiriyaridi 110.

Faustin Ndikumana

Muri ico kiganiro Faustin Ndikumana abandanya avuga ko mu gihe Reta biyinaniye gutunganya neza amafaranga izokoresha ku mwaka, bituma ica iguma yinjira mu madeni (dette interieure), aho mbere inyungu zica ziba umurengera, ku buryo ayo mafaranga usanga angana n’ayokoreshwa n’ubushikiranganji bwose. Mwomenya ko ayo amshirahamwe yabishikirije mu gihe, inama nshingamateka y’Uburundi yaraye yemeje amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2014, angana n’imiriyaridi 1403 y’amarundi.

Muri ayo mashirahamwe bakaba banegura inyifato y’inama nshingamateka kuko atanarimwe yiha umwanya ukwiye wo kwiga amafaranga azokoreshwa. kuri bo, inama nshingamateka yoba mbere itaramenya agaciro k’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha. ’’barifata nk’igikinisho’’.


Floxella Karire

Messages

  • Inama Nshingamateka vyoyigora guhindura canke kugira icivuze kandi benshi ari bamwe n’abari muri l’Etat. Umugambi n’umwe kandi benshi baba bazi inyungu zabo aho ziri. Gusa birababaje aho ibisata nk’Uburimyi, Umuyagankuba bironka amahera make aho arivyo vyari kuronka menshi. Rero mfise ubwoba ko abemeza ivyo bintu baba bose babisobanukiwe canke ari gusa gusinya canke kuduza ikiganza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.