IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama rukokoma yo kurwanya igiturire yofasha kurwanya ubushomeri

Inama rukokoma yo kurwanya igiturire yofasha kurwanya ubushomeri

samedi 5 Gitugutu 2013

Umurwi wiyemeje gusubiza umutamana umugambwe UPRONA usaba ko hotunganwa inama rukokoma yo kwiga ingene igiturire corwanwa kigatuzwa mu Burundi.

Jean Baptiste Manwangari, umwe mubagize uwo murwi uvuga ko wiyemeje gusubiza umutamana umugambwe UPRONA wa Rwagasore Rudoviko, amenyesha ko igiturire cazingamitse ibisaata bitari bike vy’ubuzima bw’igihugu, ingaruka nayo igaca iba ko abanyamitahe n’abarwizatunga baheza ntibazane ku bwinshi imitahe yabo mu Burundi.

Kubwa Jean Baptiste Manwangari, iyo abanyamitahe bamenye neza ko mu gihugu ata giturire kiharangwa, bazana ibikorwa vyabo ku bwinshi, abatagira akazi bagaca bahatorera akoyokwe.

JPEG - 119.9 ko
Jean Baptiste Manwangari

Manwangari Jean Baptiste asigura ko igiturire kibandanya kwibonekeza mu bisata bitandukanye bw’ubuzima bw’igihugu mu gihe amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike abandanya ibikorwa vyayo vyo kurwanya abarya igiturire. "N’umugambi umukuru w’igihugu yatanguje wo kutihanganira abarya igiturire "Tolérance zéro" ntukwiye wonyene." Asaba rero ko hotegurwa inama rukokoma, igahuza abo vyega bose, bagahanahana ivyiyumviro ku cokorwa kugira igiturire gituzwe. "Iyo nama niyatunganwa, izoshobora kwunganira ivyavuye mu nama y’ibijanye n’ukurwanya ubushomeri iheruka kubera i Ngozi."


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.