Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama ya G20 iratangura mu cuka kitari ciza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Inama ya G20 iratangura mu cuka kitari ciza

Inama ya G20 iratangura mu cuka kitari ciza

jeudi 5 Nyakanga 2013

Abakuru b’ibihugu n’amaleta bagize G20 barakoranira mu nama ku muhingamo w’uyu wa kane. Inama ibaye hari icuka kitari ciza na gato hagato y’igihugu ca Leta Zunzubumwe n’Uburusiya. Inama iza gushigikira ku vyerekeye igutera Siriya. Bivurwa ko iyo nama y’iminsi 2 itaza kworoha.

Ku muhingamo harakorana inama y’ibihugu 20 (G20) vya rutura mu butunzi. Iyo nama ikaza kubera mu gisagara ca Saint Pétersbourg, mu gihugu c’Uburusiya. Iyo nama ikaba iza kuba mu gihe hari icuka kibi hagati y’ibihugu 2 kizigenza muri ivyo 20. Ivyo navyo akaba ari Leta Zunzubumwe z’Amerika n’Uburusiya. Intandaro yukwo tumvikana bikaba bihagaze ahanini ku ciyumviro ca Leta Zunzubumwe z’Amerika, iciyumviro co gutera igihugu ca Siriya, ibidashigikiwe n’Uburusiya. Ndetse ku rutonde rw’imibonano itegekanijwe muri iyo minsi 2, nta mubonano utegekanijwe kugeza ubu hagati ya Barack Obama na Vladmir Poutine. Ariko bivurwa ko Vladmir Poutine yoba yipfuza umubonano na Obama kugira bayage ku kibazo ca Siriya ari 2 bonyene.

JPEG - 60.6 ko
Vladmir Poutine kumwe na Barack Obama

Iyo ngorane hagati y’ivyo bihugu 2 ikaba yaje yiyongera kuyari imaze iminsi y’uguha ubuhungiro mfatakibanza umunyamerika Edward Snowden yahoze akora mu gisata c’igendereza muri Amerika, ibitanezereje Leta Zunzubumwe z’Amerika. Aha Vladmir Poutine we akaba yari yavuze ati: “Ugutera Siriya bitemejwe n’inama nkuru ya ONU, koba ari agasomborotso”

JPEG - 14.6 ko
Vladmir Poutine : “Ugutera Siriya bitemejwe n’inama nkuru ya ONU, koba ari agasomborotso”

Ico cuka kikaba arico kiza kuba gihuhera hejuru y’iyo nama ya G20. Inama yitezweko hirwamwo ndetse ico kibazo ca Siriya. Imibonano y’abakuru b’ibihugu n’amaleta iba hambavu y’iyo nama niho Barack Obama na François Hollande w’igihugu c’Ubufaransa baza kugerageza kurondera ababashigikira kurico ciyumviro co gutera igihugu ca Siriya. Ugutera ico gihugu bikaba bihabwa intumbero y’igihano kuri Leta ya Siriya kuraho biherutse kumenyekana ko iyo Leta yakoresheje ibirwanisho ruhonyanganda mu kwivuna abayirwanya. Kubwa François Hollande, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa : “Ugutera ico gihugu bitegerezwa kuba habaye urunani hagati ya Leta Zunzubumwe z’Amerika n’ibihugu vya Buraya hamwe n’ibihugu vy’abarabu”.

JPEG - 31.5 ko
Barack Obama hamwe na François Hollande

Ariko ukwo kugondoza ibihugu biri muri iyo nama bisa n’ibitaza kworohera abo bakuru b’ibihugu 2. Ibihugu 4 gusa muri 20 nivyo bimaze gushigikira ico c’iyumviro ariko naho nyene ataco biterereye muri uwo mugambi. Ubushinwa co kimwe n’Uburusiya buriyamiriza ugutera Siriya. Ndetse Ubushinwa bwo, bubicishije ku cegera c’umushikiranganji w’imigenderanire, Zhu Guangyao, bugira buti: “Ugutera igihugu ca Siriya bibaye vyotera ingaruka mbi ku butunzi kw’isi, na cane cane igiciro c’igitoro. Ivyo navyo vyotuma ibiciro vy’ibintu vyose biduga igiciro.” Brésil, Ubuhindi na Afrika y’Epfo bimwe mu bindi bihugu bifise ijambo rinini muri iyo nama bisa n’ibidashigikiye ugutera igihugu ca Siriya.

Mwomenya ko Fayçal Mokdad, icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Siriya yamenyesheje ko Leta ya Siriya itarota itanga imihoho kandi idatewe ubwoba n’abavuga ko bagomba kuyitera. Abakurikirana ibintu n’ibindi bakabona ko ukwo kwishigikira kwa Siriya kuva ku bihugu nka Irani kimenyesha ko citeguriye gushigikira Siriya mu buryo bwose, mu gihe coterwa na Leta Zunzubumwe z’Amerika.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.