Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Musenyeri Justin Baransananikiye : "Umurwi nserukiragihugu w’abaririmvyi (...)
Musenyeri Justin Baransananikiye : "Umurwi nserukiragihugu w’abaririmvyi urakenewe"
lundi 27 Gitugutu 2014
Inararibonye mu muziki w’Uburundi Musenyeri Justin Baransananikiye arashima ibikorwa vy’umuziki biriko biranagurwa n’ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokama. Yipfuza ko Uburundi bwosubira kuronka umurwi nkomeza karanga wohora ukora indimbo z’igihugu nk’uko vyamye aho hambere hahise.
- Musenyeri Justin Baransananikiye, arongoye Institut de Musicologie de Gitega
Aciye ku kinyamakuru IGIHE, Musenyeri Justin Baransananikiye abona ko intambwe ubushikiranganji bugezeko yo gutumira abaririmvyi b’Abarundi mu biteramo ari nziza. Abona ko ari ikimenyetso ciza cane c’uko umwuga wo kuririmba ugiye kwitabwaho nka kera. Arashimira umushikiranganji Adolphe Rukenkanya, aranashimira cane Leonard Sinzinkayo, umuyobozi mukuru w’imico kama mu bushikiranganji. Musenyeri yandika avuga ko uwo muyobozi akora ivyo azi kubera yahoze mu murwi w’abaririmvyi b’igihugu (Orchestre National) aho mukamenya ko uwo muyobozi yari kumwe na Musenyeri Justin Baransananikiye muri uwo murwi.
- Umushikiranganji Adolphe Rukenkanya
Musenyeri Justin Baransananikiye afatiye ku vyigwa vy’umuziki biriko bihabwa imisore n’inkumi zigera kuri 15, abona ko umuziki w’Uburundi ugiye gusubira gutotahara. Iyo nararibonye yandika ivuga ko hamwe boja hamwe na Leonard n’abandi bagatanguza umurwi w’abaririmvyi b’igihugu (Orchestre National) coba ikintu gikomeye, haba ku kugarukana umuziki w’akanovera no kuronka umurwi w’abaririmvyi igihugu cohora cikorako.
Uwo musenyeri arangiza urwandiko rwiwe asaba Leonard Sinzinkayo ko yokwishikira mu ntara ya Gitega aho kuva muri Nyakanga 2014 ikigo arongoye aciye kuri INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA ariko atanga inyigisho z’umuziki zizomara amezi 9.
- Leonard Sinzinkayo
Ivyo Musenyeri Justin Baransananikiye yavyanditse ku nkuru twanditse y’igiteramo ca kabiri mu mezi adashika atatu categuwe n’ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama. Ushaka gusoma urwandiko uwo Musenyeri yandikiye ubushikiranganji, fyonda: http://igihe.bi/adolphe-rukenkanya-abaririmvyi-11560.html
Cherif Nkeshimana
Messages
27 Gitugutu 2014, 21:03, par Mgr. Justin BARANSANANIKIYE
Nukuri, reka twongere tuvyemeze : Ubushikiranganji bw Urwaruka, Inkino n Imico Kama, bukoze ibikora inka mu kwongera guhagurutsa igikorwa kidasanzwe co kunagura akaranga k Igihugu cacu mu Muziki. Uyu murwi Nserukiragihugu w’abaririmvyi URAKENEWE CANE kandi vyihuta, kubw imvo nyamukuru zitatu:
1.Uwo murwi Nserukiragihugu ni wo woba ISHINGIRO RISHASHA N ICITEGEREREZO abaririmvyi bifuza guharanira akaranga k Uburundi bosubira kurabirako akarorero nk uko imirwi yose y aho hambere yabigenza mu kurabira kuri ORCHESTRE NATIONAL yari muri ubwo Bushikiranganji nyene.
Ariko, kuva umurwi wacu wa mbere wa ORCHESTRE NATIONAL Y UBURUNDI narimwo ubwanje uvuyeho, akaranga k Uburundi mu muziki kaciye gatangura kuzimangana rwose. Imyaka y intambara na yo ica igerekako, ibintu bicika uruvange rutagira intumbero, maze umuziki kama w Uburundi uryohoye twari twatanguye kuronka mu bushakashatsi twakoze mu myaka ya 1977 gishika 1979, uca uragenda akagirire. Abaririmvyi n abacuraranzi bo mu Burundi baciye batangura kudaha mu buhinga bwo kuririmba bwo mu bindi bihugu, bakibesha ngo bariko barateza imbere umuziki w Igihugu cacu. Impera n imperuka, murabona mwese aho bitugejeje: NTA MUZIKI KAMA URANGA UBURUNDI KU RUBUGA MPUZAMAKUNGU UKIRIHO, MBERE N URURIMI RWACU RW IKIRUNDI RWATITUWE RWOSE N ABARIRIMVYI BA KINO GIHE. Mbe, bwa buhinga bwo kuririmba neza indirimbo z Ikirundi ziryohoye bwakoreshwa n abo twakoranye kera, nka Canjo, Nikiza David, Ndirabika Augustin, Adolphe Bigirimana, Kirundo Gerard, Africanova, Matata, Bahaga n izindi ntore nyinshi, BURI HEHE UNO MUSI ?
2. Uwo murwi nserukiragihugu w abaririmvyi mushasha, ni wo woheza kandi ukabandanya ubushakashatsi twari twaratanguye aho hambere mu buhinga bwacu kavukire bw umuziki, kugira uhe Abarundi ico bokwirata nk AKARANGA K UMUZIKI WABO BWITE USHINGIYE KU GUCURARANGA NO KUVYINA KWABO, NO KU MURISHO WABO, N INTAMBO ZABO bihinguwe mu buhinga bwa kijambere. Ubwo bushakashatsi si uwo ari we wese ashobora kubugira; hari amategeko n ivyigwa twisunga. Tutagiye kure, raba ukuntu abaririmvyi n abacuraranzi bo mu bindi bihugu vya Afrika nka Senegal, Cameroun, Mali, Cote d Ivoire, Congo n ahandi henshi, bitaye ku giti, barateba barateza imbere ubuhinga bwabo kavukire bwo kuririmba, babushira ku rwego rwa kijambere, mbere n ibicurarangisho vyabo kavukire babishiramwo (nk ivyitwa Cora na Balafon), ubu bakaba basigaye ari ba bitumwako mu Mahuriro mpuzamakungu y umuziki. Abaririmvyi bacu bo, nta kindi barota bakora atari ukwigana ibihinda bizananye mu buraruko no mu buseruko n ahandi, hanyuma ntibabone ubwabo ko ata karanga bagira.
3. Uwo murwi nserukiragihugu w abaririmvyi mushasha turamutse tuwuronse, ni wo kandi woca ukora igikorwa gihambaye cane co kwigisha iyindi mirwi mishasha y Urwaruka mu Ntara zitandukanye z Uburundi, kugira ize igumye iryo ragi kandi izobandanye irikorerako. Ishure INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA twashinze na ryo ririho kugira ngo ryigishe kandi riramure abaririmvyi n abacuraranzi b Abarundi bazi neza ubwo buhinga kandi bashobora gukora Umuziki bisunze amategeko yawo mpuzamakungu ku rwego rungana n urw abandi baririmvyi mpuzamakungu. INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA iriho kandi kugira ngo yigishe, yongere iramure ABIGISHA BO MU MASHURE bafise ubumenyi bukwiye mu mategeko y Umuziki, bazi ukuntu wandikwa, ukaririmbwa, kandi ukigishwa nk uko biri mu bindi bihugu vyose vyo kw Isi.
Turashigikiye cane twivuye inyuma uyo mugambi mwiza w Ubushikiranganji bw Urwaruka, Inkino n Imico kama. Murakoze.
Ni, Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE
Umuyobozi wa INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
Email : jbaransananikiye@yahoo.fr
Tél : 79 877 097 canke 77 758 123
28 Gitugutu 2014, 10:41, par jean Nepo kandikandi
Ivyo rero : Président wacu Pierre Nkurunziza yategerezwa kubishigikira Cane gose, ya mahera ngo pour les bons oeuvres nayashiremwo azoba akoreye igihugi, nyakubahwa Musenyeri, najewe simfise menshi mugabo ndemeye ko nzoterera, muraca mushiraho agasandugu muri banque , Abarundi bumutima ni benshi bazoterera
28 Gitugutu 2014, 19:02, par Mgr. Justin BARANSANANIKIYE
Mushingantahe KANDIKANDI, murakoze cane kuri ico ciyumviro gihambaye muterereye, kandi nk uko mubivuze, ndizera ntakekeranya ko mugisangiye n Abarundi benshi cane banyotewe kubona akaranga k Igihugu cacu mu Muziki kongera kunagurwa. Nta nkeka, Abategetsi babijejwe na bo nyene ndazi ko bashoboye kubisoma kandi ko bazobikorerako. Ndashigikiye rwose ko Ubushikiranganji bw Imico Kama bwoshiraho iyo COMPTE MURI BANQUE ubu bwa vuba, bugaheza bukabimenyesha abantu bose biciye ku Maradiyo yose, n ama Televisions no mu bindi binyamakuru vyose vyandikwa hano mu Gihugu cacu. Reka tube turabashimira ku mwete n ubwira bazobikorana. Murakoze.
Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE
Umuyobozi wa INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
Email : jbaransananikiye@yahoo.fr
Tél : 79 877 097 canke 77 758 123
30 Gitugutu 2014, 08:42, par baransananikiye yannick
n’iciyumviro ciza cane,gushiraho uwo murwi nserukiragihugu w’umuziki,bizofasha cane abaririmvyi gushobora guhurira hamwe bagahanana ubumenyi n’ubuhinga.Uburundi burafise ubutunzi bwinshi bunyegeje mu mpano ziri mu baririmvyi.Biragarara ko ikibazo c’umuziki kiri mu biraje ishinga l’etat,bikwiye kubandanya cane cane l’etat ibishizemwo ibigizemwo uruhara runini.
murakoze
30 Gitugutu 2014, 08:42, par baransananikiye yannick
n’iciyumviro ciza cane,gushiraho uwo murwi nserukiragihugu w’umuziki,bizofasha cane abaririmvyi gushobora guhurira hamwe bagahanana ubumenyi n’ubuhinga.Uburundi burafise ubutunzi bwinshi bunyegeje mu mpano ziri mu baririmvyi.Biragarara ko ikibazo c’umuziki kiri mu biraje ishinga l’etat,bikwiye kubandanya cane cane l’etat ibishizemwo ibigizemwo uruhara runini.
murakoze