Accueil > Amakuru > Mu makungu > Inde: Abantu 1000 bafashwe bariko batanga inyishu ku banyeshure mu (...)
Inde: Abantu 1000 bafashwe bariko batanga inyishu ku banyeshure mu kibazo
jeudi 26 Ntwarante 2015
Abantu 1000 harimwo abavyeyi n’abigisha nibo bafashwe n’igiporisi co muri Inde mu gihe bariko barurira igihome caho abanyeshure bakorera ikibazo, batanga inyishu z’ikibazo cariko kirakorwa.
Igiporisi co muri Inde camenyesheje ko cafashe abantu 1000 bariko burira igihome kugira bafashe abanyeshure bariko barakora ikibazo co guheza amashure yisumbuye, mu kubambwira inyishu z’ico kibazo.
Mu bantu bafashwe harimwo abavyeyi, abagenzi n’abigisha b’abo banyeshure. Amashusho y’abo bantu bariko batanga inyishu z’ico kibazo yaciye akwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi, aho abantu batari bake bayabonye.
Abo bantu baje bafise amaterefone ngendanwa hamwe n’ibindi bikoresho vyabafasha gukora ico gikorwa.
Mu yandi mashusho yerekanywe, haraboneka abakozi n’abaporisi bariko bararaba ukuntu abo bantu burira, bagenda muri ivyo bibanza vyariko birakorwamwo ibibazo, ataco bariko barakora kugira babahagarike. Abo bantu bamaze gufatwa, igiporisi cabaciriye ihandabu ry’amafaranga angana 30 mu mafaranga y’abanyaburaya (30euros).
Lorene Nubwabo