Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inde : Igiporisi ntikireze amaboko ku bagandaguye Yannick Nihangaza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Inde : Igiporisi ntikireze amaboko ku bagandaguye Yannick Nihangaza

Inde : Igiporisi ntikireze amaboko ku bagandaguye Yannick Nihangaza

vendredi 18 Mukakaro 2014

Jaskaran Singh Jassa, umwe mubagirizwa kuba yari kw’isonga ry’abahohoteye Yannick Nihangaza ubu yari yahungiye mu gihugu ca Australie yoba agira asubizwe mu Buhindi kugira acibwe urubanza.

Jaskaran Singh Jassa yagirizwa kuba kw'isonga ryabahohoteye Yannick Nihangaza

Uwo muhindi Jaskaran Singh Jassa akaba ariwe vyavugwa cane ko ari mu bari barongoye abahohoteyeYannick Nihangaza mu mwaka w’2012 gushika naho aca aja mu bitaro, mu nyuma akahava yitaba Imana. Inyuma y’ugukorera ayo mahano uyo musore w’umurundi yari yaroye kwiga amashure mu gihugu c’Ubuhindi, Jaskaran Singh Jassa akaba yaciye ahungira mu gihugu ca Australia, aho ndetse yaciye yubakana n’umukenyezi avuka muri ico gihugu yahungiyemwo, kugira ahabe atangorane, mu guhunga ubutungane bw’igihugu c’Ubuhindi.

Mu giporisi co mu gihugu c’Ubuhindi bakavuga ko bahejeje gusaba ko uyo musore yafatwa nk’umwana w’ikigaba ko yokwirukanwa n’igihugu ca Australiya, gutyo ubutungane bw’Ubuhindi bukamukurikirana ku caha c’ukugandagura Yannick Nihangaza. Nk’uko aya makuru tuyakesha ikinyamakuru The India Times, mu giporisi baremeza ko intambwe zo kwirukana Jaskaran Singh Jassa mu gihugu ca Australie zigeze kure, bakizera ko ubutungane buzokora akazi kabwo.

Abagirizwa guhohotera Yannick Nihangaza rero bakaba bashobora kwagirizwa icaha c’ubwicanyi, mu gihe uyo musore w’umurundi yaciyeyitaba Imana.


Aristide Nizigire

Messages

  • Na we basha akanura nka assassin nyene!

  • Mbanje guhoza abavyeyi ba Yannick. Birababaje kwikokora ugasomesha umwana mu mahanga, uriko ushaka ko yotera imbere, hanyuma abicanyi bakamuciramwo. Jewe ndababwiye ko urupfu gw’uyo mwana gwambabaje cane naho ntari ndamuzi, nk’umuvyeyi uwariwe wese yavyaye. Imana imwakire mu bwami bwayo; nayo abamwishe bazoronka impera y’ivyo bakoze, ntacijana kuri iyi si.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.