Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuhindi : Umukobwa w’imyaka 19 ateye nk’abana bafise imyaka 2
Ubuhindi : Umukobwa w’imyaka 19 ateye nk’abana bafise imyaka 2
mercredi 8 Ndamukiza 2015
Girija Srinivas ni umukobwa w’imyaka 19 y’amavuka, aturuka mu gihugu c’Ubuhindi, akaba afise umubiri w’abana bafise imyaka 2.
Ku myaka 19 y’amavuka, Girija Srinivas apima isetimetero 90 n’ibiro 12. Uwo mukobwa yavukiye mu gihugu c’Ubuhindi, yavukanye indwara yitwa agenesie congenitale ituma ibihimba vy’umubiri bidakura neza. Ubu Girija akaba ateye nk’umwana afise imyaka 2 kandi ari umukobwa w’imyaka 19.
Girija afise umutwe udateye neza kandi munini cane, ku buryo adashobora kwicara kuko yohava avunika izosi. N’aho afise umubiri w’umwana w’imyaka 2, mu maso aboneka nk’umuntu akuze.
Girija ntiyigeze arera amaboko n’aho ari ikimuga ataco ashobora gukora, kandi akavuga ko atigeze yipfuza kumenyekana biciye mu bumuga bwiwe ariko biciye muvyo asanzwe akora. Uwo mwigeme asanzwe afise ingabirano yo gucapa, mbere bigatuma anafasha n’umuryango wiwe mu gihe muvyo acapa aronkamwo amafaranga angana 130 gushika 160 y’amanyaburaya ku kwezi.
Uwo mwigeme yongera akavuga ko adakeneye abantu bamwumvira ikigongwe, ahubwo akeneye abantu bashima ivyo akora, bataravye ubumuga bwiwe mbere akagomba kuja mu mahanga, kugira ashobore gukora ikintu kinini.
Mukamenya ko ibintu vyinshi nko gufungura, kwoga n’ibindi, umuvyeyi wa Girija abimukorera vyose mugabo hageze ko acapa ntanumwe amufasha kubikora.
Lorene Nubwabo
Messages
8 Ndamukiza 2015, 18:00, par NDUWIMANA
yooooooo birateye ikigongwe ariko kazima afise courage.aho imana yokoa ibitangaro!Niwe ari infura?
9 Ndamukiza 2015, 07:36, par rupande
Nn ibihimba vyirondoka vyiwe birakura neza?
9 Ndamukiza 2015, 09:00, par ISAIE NIYOGUSHIMA
UBUZIMA NIKOBUGENDA IMANA IMUFASHE
9 Ndamukiza 2015, 22:27, par Bucumi christophe
Ndamusabira kumana imufashe kubaho nokumwongerereza ubumenyi bwiwe bwoguchapa am
2 Mukakaro 2015, 21:52, par Vianney Ndayizeye
Jewe Nibazako Atamuntu Yomutwenga Bivuye Kubwo Bumuga Kuko Nibintu Bishira Umuntu Atavyiteze
14 Mukakaro 2016, 14:52, par ntirenganya eurade guy darly
nn k adakur biv kuk nn vyogend gut kugir