Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indege ya Algeriya yaburiwe irengero muri Sahara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Indege ya Algeriya yaburiwe irengero muri Sahara

Indege ya Algeriya yaburiwe irengero muri Sahara

vendredi 25 Mukakaro 2014

Abantu barenga 116 bari mu ndege ya Algeriya yazimiye ntibaratorerwa irengero, muri abo bazimiye, abagera kuri 50 bafise ubwenegihugu bw’Ubufaransa.

Reta y’Ubufaransa ivuga ko iyo ndege yazimanganye mu gatondo ka kare igeze hejuru y’uburaruko bwa Mali.
Nk’uko bivugwa n’abashakashatsi, ikirere iyo ndege iriko iraronderwamwo kiri hagati y’akarere ka Gao mu buraruko bushira ubuseruko na Tessalit mu buraruko.

Ako karere iyo ndege iriko iraronderwamwo kari kamaze umunsi wose kavugwa ko kerekana ibimenyetso vy’ikirere kitameze neza.

Mu gihe bivugwa ko iyo ndege yoba yazimanganiye hejuru y’uburaruko bwa Mali, ico gihugu kikaba kirangwamwo imirwi yishimikiza amategeko ya Islamu n’iyindi mirwi, abategetsi b’Ubufaransa bamenyesha ko badakeka ko iyo ndege yoba yarakorowe.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.