Accueil > Imibano > Indoneziya: Basabwa ibipimo vy’ubusugi kugira binjire mu gipolisi
Indoneziya: Basabwa ibipimo vy’ubusugi kugira binjire mu gipolisi
lundi 29 Kigarama 2014
Abakobwa binjira mu gipolisi mu gihugu ca Indoneziya barakorerwa ibipimo biteye isoni kugira barabe ko bakiri isugi.
Umuryango mpuzamakungu uharanira agateka kazinamuntu (Human Rights Watch) warashize ahabona icegeranyo wagize aho wiyamiriza uburyo abakobwa bagomba kwinjira mu gipolisi bapimwa ubusugi bwabo. Muri ico cegeranyo haravugwa ko abo bakobwa babapima ubusugi bwabo bakoresheje intoki, bakazishira mu bihimba vy’irondoka vyabo tutibagiye n’ibindi bipimo bikorerwa abo bigeme.
Ico gipolisi co muri Indoneziya kikaba gihakana ko kidakora ubwo buryo bwo gupima mugabo kikisigura kivuga ko ibipimo vy’amagara y’abo bakenyezi bitegerezwa gukorwa kugira bakorere igihugu bafise amagara meza. Mu rwandiko, urwego rw’igipolisi co muri Indoneziya rwashize ahabona k’umurongo wabo ngurukanabumenyi (site) bamenyesha ko umukobwa agomba kwinjira mu gipolisi c’ico gihugu ategerezwa kuba ari isugi.
Umuryango mpuzamakungu Human Rights Watch ukaba waraganiriye n’abagore bamwe bamwe babajwe n’ubwo buryo bwo kubapima ubusugi bwabo. Bamwe muri abo baravuga ko vyari biteye isoni kwambura impuzu imbere y’abantu batazi. Ikintu cari giteye isoni cane yari uburyo babapima kuko bisanzwe bibabaza cane bigashobora gutuma batagisubira kuba isugi. Kubw’ivyo, Human Rights Watch ivuga ko hariho abakobwa bamwe bahahamutse iyo bavyibutse. Uwo muryango ugatera akamo igipolisi ca Indoneziya ngo gihagarika ivyo bipimo kubera ari guhonyanga agateka kazinamuntu.
Lorene Nubwabo
Messages
29 Kigarama 2014, 18:38, par Nwari
aba DD no muri indonesie bariyo??ahubwo muburundi bari bakwiye,kuraba barya ba dd baba police bakabaza kubasilamula kuko nibo bazizana ebola
31 Kigarama 2014, 20:29, par Akimana
Wewe Wiyita Mwari Iyo Ubuze Ivyo Wandika Reka Gucafuza Abantu Ivyo Bavyita Uburofa Aba Dd Urabazi Ntabuzi.
1er Nzero 2015, 12:52, par jean
Nwari ndagaye ico ciyumviro cawe