Accueil > Amakuru > Mu makungu > Indoneziya: Ibirunga Vyahitanye abantu 6
Indoneziya: Ibirunga Vyahitanye abantu 6
lundi 23 Rusama 2016, par
Abategetsi ba Indoneziya bamenyesha ko abantu bashika kuri batandatu aribo bapfuye bahitanwe n’ibirunga vyateye muri ico gihugu.
Ivyo birunga vyadutse ku musi wa gatandatu mu misozi y’ahitwa Sinabung mu buraruko bw’intara ya Sumatra.
Abategetsi bamenyesha ko ivyo birunga vyabandanije n’ejo kuwa mungu, bituma bitorohera abasanzwe bari mu bikorwa vyo kurondera abo borokora.
Umusozi wa Sinabung uri mu birunga birenga 120 bishobora kwiha inkumbi umwanya uwariwo wose muri ico gihugu ca Indoneziya.
IGIHE
Messages
23 Rusama 2016, 15:50, par CAKIRA
namwe murahanzwe mwabazungumwe, twe duhanzwe namwe muza kudukoroga namwe reka Imana ibereke!!