Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indongozi za CNDD FDD zibandanya kwemeza ko Petero Nkurunziza ategerezwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Indongozi za CNDD FDD zibandanya kwemeza ko Petero Nkurunziza ategerezwa (...)

Indongozi za CNDD FDD zibandanya kwemeza ko Petero Nkurunziza ategerezwa kwitoza

lundi 23 Ntwarante 2015, par Egide N

Indongozi z’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu zibandanya kwemeza ko Petero Nkurunziza ariwe ategerezwa kuzokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu. Inyuma ya Pascal Nyabenda umukuru w’uwo mugambwe, n’icegera ciwe Yozefu Ntakarutimana yamenyesheje ko amategeko arekurira Petero Nkurunziza gusubira kwitoza.

Nta minsi myinshi yari iheze umukuru w’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu Pascal Nyabenda amenyesheje ko Abagumyabanga ba CNDD FDD bavuze ko badahawe Petero Nkurunziza, ko batonabahamagara gutora. Imvugo yabaye iyo nyene no ku cegera c’umukuru w’uwo mugambwe Yozefu Ntakarutimana, nawe akaba yamenyesheje ko Petero Nkurunziza ariwe umugambwe CNDD FDD uzotanga mu guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije mu Burundi.
Yozefu Ntakarutimana, icegera c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD ajejwe uguhanahana amakuru, ubuzima bw’umugambwe, imibano n’iterambere ry’abanyagihugu yamenyesheje ko n’amategeko arekurira Petero Nkurunziza gusubira kwitoza.

JPEG - 84.3 ko
Yozefu Ntakarutimana, icegera c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD ari kumwe n’indongozi za ANC (atangura i buryo, akaba yambaye agapira kariko ifoto ya Petero Nkurunziza)

Muri komine Rumonge, ku mutumba Rukinga, imbere y’abagumyabanga ba CNDD FDD, aho yari yagiye gutembereza intumwa zisanzwe ziri mu rugendo mu gihugu c’Uburundi, z’umugambwe ANC uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, Yozefu Ntakarutimana, icegera c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, yabwiye abariko baramwumviriza ko uwuzoserukira uwo mugambwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu ari ku gapira yari yambaye. Yagize ati : " Abanyegereye barababwira agapira nambaye agafoto kariko. Amategeko ari sawa sawa kuri Mzee. Umugambwe wanyu n’ingene umukunda, n’ingene tumukunda, naho hoba hari impari tukazozibamara duciye muri sentare. Ni nde azomuhagarika ?"
Iyo foto Yozefu Ntakarutima yavuga iri ku gapira yari yambaye ikaba yari iya Petero Nkurunziza.

Ari kumwe n’abari bamuherekeje bagizwe n’uwuserukira igihugu ca Afrika y’epfo mu Burundi, hamwe na bamwe mu bashikiranganji ba Reta y’Uburundi bakomoka mu mugambwe CNDD FDD, Yozefu Ntakarutimana, icegera ca mbere c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko amatora azoba ukuri kwamye mu Burundi, kandi ko umugambwe CNDD FDD ariwo uzoyatsinda.

Tubamenyeshe ko iyo mvugo ibwirwa abagumyabanga, ikavugwa n’abarongoye umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu ko uwuzoserukira CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu ari Petero Nkurunziza, itandukanye n’ibishikirizwa n’izo ndongozi nyene, mu matangazo zisohora. Kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2015, mw’itangazo nomero 005/2015 uwo mugambwe wasohoye ryerekana ivyavuye mu nama y’abarongoye inzego nkuru nkuru z’umugambwe CNDD FDD, Pascal Nyabenda yamenyesheje ko abo barongoye abandi bahanuye ko ata yindi nzira ihari yo kumenyesha uwuzoshirwa imbere n’uwo mugambwe, uretse iyisunga amategeko y’Igihugu, cane cane Ibwirizwa Nshingiro, amategeko agenga Umugambwe, kandi muri vyose bakubahiriza ico Abagumyabanga bo mu gihugu cose bipfuza. Mukibuka ko n’umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD, Onésime Nduwimana yaheruka kubeshuza abavuga ko Abagumyabanga ba CNDD FDD bose bashaka Petero Nkurunziza, ahubwo akibutsa ko uwuzoserukira uwo mugambwe azotangwa n’ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • nibagerageje barabe kuko nuguta umutwe ahubwo barikutera igere ryanyuma ntibate umutwe baraziko bariko barava muri terre by dd

  • ijana kwijana abavuga bamyeho kandi ntibazorekakivuga tuzomutora

  • ijana kwijana abavuga bamyeho kandi ntibazorekakivuga tuzomutora

  • Qu’ils se préparent a la revanche de l’histoire. Elle est sans pitié celle-là.

  • Kimarumunsi ntikimarumwaka ikintucose gifisintango kikagira niherezo abarundi ntibasinziriye ivyonavyo ngo abagumyabanga ntabwobari hejuru yamategeko!mbega muburundi ntabashingantahe bakiriho bose bahindutse abakenyezi hahahahaha nimwisubireko barundi ahandiho muzokwama mubuja kandi atariryo ragi rya ndadaye na rwagasore biracakomeye.

  • Kimarumunsi ntikimarumwaka ikintucose gifisintango kikagira niherezo abarundi ntibasinziriye ivyonavyo ngo abagumyabanga ntabwobari hejuru yamategeko!mbega muburundi ntabashingantahe bakiriho bose bahindutse abakenyezi hahahahaha nimwisubireko barundi ahandiho muzokwama mubuja kandi atariryo ragi rya ndadaye na rwagasore biracakomeye.

  • Kimarumunsi ntikimarumwaka ikintucose gifisintango kikagira niherezo abarundi ntibasinziriye ivyonavyo ngo abagumyabanga ntabwobari hejuru yamategeko!mbega muburundi ntabashingantahe bakiriho bose bahindutse abakenyezi hahahahaha nimwisubireko barundi ahandiho muzokwama mubuja kandi atariryo ragi rya ndadaye na rwagasore biracakomeye.

  • Kimarumunsi ntikimarumwaka ikintucose gifisintango kikagira niherezo abarundi ntibasinziriye ivyonavyo ngo abagumyabanga ntabwobari hejuru yamategeko!mbega muburundi ntabashingantahe bakiriho bose bahindutse abakenyezi hahahahaha nimwisubireko barundi ahandiho muzokwama mubuja kandi atariryo ragi rya ndadaye na rwagasore biracakomeye.

  • NASHAKA NDABAHANURE ABA DD KO BOREKA ABANDI BAGATWARA IGIHUGU KUKO CNDD-FDD SIWO MUGAMBWE WONYENE URI NGAHO MU BURUNDI.NI MUREKANE NA BARYA BABAHENDA ATI MUTEGEREZWA GUTWARA!OYA NAMBA NTIMWISHINGE MURI TANZANIA,RWANDA NA OUGANDA,MBE MURIBUKA KO PETA ASHOBORA KUBA NKA KADHAFFI NAREKURE KUKO MUKIRUNDI CIWACU BAVUGA ATI"IYO URUSATO GWUMYWE ISAZI ZIRAGURUKA"PETER HEBA KUKO UGUTWI KW’IMPENE KWUMVA KWOKEJE USHAKA WOREKURA NTIWISHINGE ABAGUHENDA.

  • Iyo nikinamico naheze imisi isigaye agende abo nabo babona ko atariwe atwaye atawundi nibabe bararondera aha bazoja kuko Peter ivyiwe vyarangiye .

  • ariko ibi abagumyabanga turimwo ni ibiki? NYAKUBAHWA MUKURU W’IGIHUGU naharo ngukunda nibaza ko abagukikuje aribo baguta mumakosa, ariko ndavye ingene uriko uragundira ubutegetsi binyereka ko twahora tukwihendako. none nkubu urabona ingene igihugu gikenye, amakungu ariko akwiyamiriza, niyo yahora adufasha, none niwanka kurekura ubona uzoba uriko utujana he? MBE UWUNDI MU PRESIDENT YAKORA IBYO UGOMBA GUKORA WOMWEMERERA? Ereka abanyagihugu ko uri umunyakuri, uhagarara kumasezerano kandi ko Imana usenga ari Inyamahoro. sinon ndakubarire, niwanka kurekura abanyagihugu bashobora no kudatora umugamwbe CNDD FDD maze tugasira twese turirira mumyotsi, MUZOSANGA RWASA YAKIDUTWAYE KUBERA KWIKUNDA GUSA. NONE WWE NTUBONA KO MUMUGAMBWE TWAMAZE GUCANAMWO????? C’est vraiment domage. "NGO ICO UTIFUZA KO MUGENZI WAWE YOKUGIRIRA NAWE NTUKAKIMUGIRIRE"

  • Ubwanbere dufise Imana, ubwakabiri dufise Nkurunziza. Hanyuma abobose iyotuze Ko Nkurunziza agifise uburenganzira bwojwitiza kanditukabivuga twemezako twubahirije ibwirizwashingiro ryu Burundi abatavyemera mugacamuvugango muzocamuzamwibarabara iyabamwanyumvira mwarimukwiye kugendahakirikare kwitura ubutungane bwubahiriza ibwirizwashingiro ryuburundi, kuko ahomwibarabara nizirambi kuriwewe nokubandi. Rekandabasubiriremwo Nkurunziza aracafise uburenganzira bwokwitiza mbere jewe ndasavye munyitwarire duhangane mumategeko kandikugira duhangane genda urege abagumyabanga maze uvugengo’ ndajekurega abagumyabanga ba cnddfddd kuko bakoneje kuvugako Nkurunziza agifise uburenganzira bwojwitiza, ahorero watsindwa canke ugatsinda uzibawerekanyeko uzi ubwenge kandi ukunda igihugucawevyukuri, nayo ugiye mwibarabara uziburumuntu utazobuzi ivyurimwurakora kuko igijoba ngocikwera amakara kandi muri bibiriya harumugabo yitwa Hamani ivyoyibajije ngonivyo bizomukiza nivyovyamukwegeye urupfu!!!.

  • NIBAMUREKE YITOZE NTAKABI KIWE

  • Joseph ntakarutimana afise ubwo be na système ya dd ko peter avuye kubutegetsi ivyo bagirizwa bizoca bija ahabona... yabivuze atwenga ariko bavuga ngo uwutwenga neza azotwenga iryanyuma

  • nuwera urikijuju ww ngira wize abandi batashe ataruk naho wize apre midi iyuvugati ubwambere dufise umwicanyi ubwakabiri dufis umusuma mbe kutashizeko ubwagatatu komengo wavutse utageze cnke wamatse hahez amez 11 utaravka kk ubujuj bwaw biraboneka kutarungurutse intebe yishu wakijujuwe

  • MBEGA KABAGUMWABANGA BAKURUBAKURU MWAZE GUCANAMWO TWEBWE BATOBATO TWEHO GUTE? NIMWIKUBITE AGASHI MUREKE GUSAMBURA UMUGAMBWE KANDI MUKABONA MUDANZE NKURUNZIZA MUMENYE KO TWATASHE.

  • Uwitwa "Nuwera" aratangaje caane. Ivyiyumviro vyiwe bigaragaza ko ata maturite mufise muvyiyumviro. Eka n’ivy’amategeko numvise uvuga ubizimwo bike cane pour ne pas dire ko uri IGNORANTE (E). Ba ubanza wiyumvire neza kuko ivyo wandika bituma abantu tukurunguruka mubwonko. Heureusement ko tutanazi uwo uri.

  • NIBAMUKUREKO UGWAMO YITOZ .IVYO YAKOZ BIKORINKA

  • biriyerekanye ko dutwarwa nabatiyumvira na gato

  • jew icombona nuko Imana yokwibuka ivyiza peter yakoze akigarura kare Imana itaramurakira cane yoye kwishinga abamusuka ngo baramushigikiye kandi aribita igihugu mumanga, imiryango yabo baca bayirungika hanze natwe tugasigara turawota

  • Poleni sana. Twahora tumushigikira twibazako akunda UBURUNDI n’ABARUNDI kumbe nawe nyene ni NDANDENDE nk’aba BUYOYA! Nkurunziza n’abo basangiye gusambura agahugu kacu nosabako boja hamwe bakiyumvira amaraso yasesetse kuva 1965 ni menshi; ayazoseseka 2015 azobaca mu zuru no mu kanwa! Be careful UBURUNDI si akibare ka PETERO n’umuryango wiwe gusa, n’ubw’Abarundi booose

  • Nanje Nuko! Atari Peter Sinotoraaaa...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.