Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara ituma umuntu agira ibiro vyinshi bidasiguritse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara ituma umuntu agira ibiro vyinshi bidasiguritse

Indwara ituma umuntu agira ibiro vyinshi bidasiguritse

mardi 31 Kigarama 2013

Ku myaka 50 y’amavuka afise, Jet Li umuhinga muvy’utugenegene mu kwivuna, ava mu gihugu c’Ubushinwa yaraye ahishuye ko afise indwara ituma agira ibiro birenze urugero kandi bidasiguritse, indwara bise “Hyperthyroïdie”.

Nk’uko Natasha Turner umuhinga mu vy’ubuvuzi abisigura, indwara “Hyperthyroïdie” iterwa n’indenzarugero yivyo bita ama thyroide yo mu mubiri. Ama thyroide akaba ariyo asanzwe akora inkaburamubiri (hormones) zituma umubiri ukora neza. Iyo rero ataba agikora neza, ni ukuvuga iyo akoze inkaburamubiri zidakwiye canke iyo yakoze izirengeje urugero, bica bitera n’ingaruka zitari nziza m’umubiri.

Bimwe mu bimenyetso vyerekana iyo ndwara ya “Hyperthyroïdie”, indwara isanzwe ifatira mu muhogo, hari ugutera cane kw’umutima aho urenza incuro ijana ku munota mu gutera, kubira icuya birenze urugero, kujugumira mu biganza, kubura itiro, kurakara, kugira umwanda muto kenshi, kugira imitsi idakora neza, guhema bigoranye,kugira urukoba rw’umubiri rwumye, n’ibindi.

Jet Li akaba yahishuye ivyerekeranye n’iyo ndwara afise, kumboneshakure y’igihugu c’abashinwa, avuga ko ageregeza kwirwanira n’ubwo iyo ndwara amaranye ishika kuri itatu, kuva mu mwaka w’2010 yatumye agira ibiro bidasiguritse, ikanahindura n’umubiri wiwe na cane cane mu maso. Ati: “Ndavyibushe, ntibigikunda ko nta ibiro, vyarabaye!”, “Sindi umuntu asanzwe, sindi Wong Fei Hung Yuan (intwari m’urukino rwa Kung-fu), sindi intwari. Ndi umuntu nkamwe”.

Uwo mukinyi w’igihangange haba mu meresi canke mu nkino za Kung-fu yaramenyereye kwinonora imitsi, kugira ashobore gukina amereresi neza, akaba ariko arivuza kuva mu mwaka w’i 2010 akaba mbere yaranabujijwe no gusubira kugira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi ku bw’amagara amukitse.

Mwomenya ko mu gihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika, aho asanzwe anakinira amareresi atari make nka Le baiser mortel du gragon, Danny the dog canke La Momie, Jet Li amenyesha ko atazi ko atazoshobora kubandanya, akina amareresi mu gihe yararindiriwe mu gice ca gatatu bise saga Expendales.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.