Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Brésil : Indwara yo kuyonga kubera izuba iragisibije i Arras
Brésil : Indwara yo kuyonga kubera izuba iragisibije i Arras
vendredi 9 Rusama 2014
Hari indwara yadutse mu gihugu ca Brésil, iyo ndwara igisibije ituma umuntu ayaga agahera kubera izuba. Bivugwa ko yoba iva kuri cancer yo mu maraso.
- Raba ingene iyo ndwara yagize Djalma Antonio Jardim
Arras ni akarere gatoyi kari mu gihugu ca Brésil, abanyagihugu bo muri ako karere barabangamiwe n’indwara yo kuyonga (fondre mu gifaransa). Uwuyirwaye ashobora kuyonga agahera kubera izuba. Ako gace kabamwo abantu bagera ku 800 batunzwe n’uburirimyi, abagera kuri 20 baragwaye indwara yitwa" xeroderma pigmentosum (XP)" kenshi iva ku bavyeyi (héréditaire). Uwufise iyo ndwara azirana n’imishwarara y’izuba.
Amakuru atangwa n’inkinyamakuru DailyMail, avuga ko abanyagihugu baba aho i Arras, benshi basangiye amaraso kuko barongorana hagati y’abo. Umuhungu ntakangwa kurongora mushiki we, canke umuhungu akarongora umwishwa we, eka n’abahungu baravyara kuri ba nyina. N’imiryango ntigira ikizira. Ivyo rero bimaze imyaka n’imyaka bimeze uko. Kubera guhanahana amaraso (amaraso aguma ari yayandi), hadutse indwara ya cancer yo mu maraso, ari nayo yoba ituma abo bantu bagira urukoba rudakomeye rushobora kuyonga ku zuba.
Djalma Antonio Jardim ni umurimyi aba i Arras aho iyo ndwara igisibije, afise imyaka 38, iyo ndwara ayimaranye imyaka 9. Izuru n’umunwa vyiwe vyarayonze birahera kubera izuba. Yahavuye arondera ikintu yipfukisha mu maso kugira anyegeze ubwo bushe. Abanganga bamaze kugerageza ku muvura incuro 50 ariko iyo ndwara yarabataye ku w’amazi.
Chérif Nkeshimana
Messages
9 Rusama 2014, 14:15, par ?
ni hatari!ibara riraguy pe!
9 Rusama 2014, 19:55, par Dolo
Numuvumo ivyo bakora Imana ntabwo yovyihanga nita nibatabare abamenye imana bihane bazokizwa Imana iracari kuntebe yimbabazi.
10 Rusama 2014, 17:38, par lawyer
ewe ga ye!
Ngira ngo ni umuvumo uva ku Mana Data wa twese ahoraho
!!
Ariko vyongeye,na bo nyene iyo mico yabo ni yo yindi! Har’umuntu mwabonye arongora nyina canke mushiki we ,canke umwishwa we? Hanyuma akemanga?!!
Ntakundi ni baze bigumya,ariko bibuke ko Imana ikiri ku ntebe y’imbabazi!
12 Rusama 2014, 06:43, par DEO
NAKA MARAMAZA KUMVA BARONGORA NA BANYINA BABO BATIKEBUTSE NGOBA HINDUKE BASABE IMBABAZI IMANA BAZOHONA