IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingabo za Syria zaratse Qusair abarwanya Leta

Ingabo za Syria zaratse Qusair abarwanya Leta

lundi 20 Rusama 2013

Imboneshakure y’igihugu ca Syria yemeza ko abantu 70 yita ko ari abakora iterabwoba bishwe n’igisirikare mu gisagara ca Qusair, abandi bakavuga ko ari 40 bapfuye.

Ico gisagara kiri ku rubibe Syria ihana na Libani cari kimaze indwi zitari nke cugarijwe.
Kugarura ico gisagara bishobora gutuma Leta ironka inzira iva ku murwa mukuru ija ku nkengera z’amazi.

Abarwanyi b’abanya Libani biravurwa ko nabo bafise uruhara muri iyo ntambara, aho Hezbollah ifasha ingabo za Leta, n’ayo abarwanyi b’aba sunni bagashigikira abarwanya Leta ya Assad.

Ku ruhande rw’abarwanya Leta, kugumana Qusair vyotuma bagira uruja n’uruza muri Libani ata nkomanzi.

Abarwanya Leta bavuga ko indege za gisirikare zarashe ibisasu zigahitana abantu 40 barimwo abarwanyi 21.

Nayo insamirizi ya Leta itangaza ko igisirkare ca Leta cagaruye inyubakwa nkuru zo muri ico gisagara, harimwo ihuriro ryo hagati mu gisagara.
Ubu abasirikare bariko barahiga abo Leta yita "abakora iterabwoba".


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.