Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka ku magara y’abantu zivuye ku kuryama nabi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka ku magara y’abantu zivuye ku kuryama nabi

Ingaruka ku magara y’abantu zivuye ku kuryama nabi

jeudi 1er Rusama 2014

Kugira imyitwarariko myinshi y’ubuzima, gukora ibikorwa vyinshi biruhisha, guhindagura amasaha yo kuryamirako, kutaryama amasaha akwiriye hamwe no gufungura indya nyinshi, ni bimwe mu bituma umuntu aryama nabi ntaronke n’itiro.

Ukuryama nabi biri mu buryo butandukanye : hari abaryama nabi kuko bataronse uburaro bwiza n’abaryama nabi kuko babuze itiro.
Kuryama nabi bifise ingaruka zitari nziza haba ku mubiri (physique) haba ku kungene umuntu yiyumva (émotionnel, moral). Hari n’indwara ziyadukiza bivuye ku kuryama nabi.

Mu bushakashatsi bwakozwe, basanze kuryama nabi bitera indwara bise "fibromyalgie" kubera kutaronka itiro, indwara ituma haba ububabare budasanzwe mu mitsi yo mu mubiri wose. Aho hari naho umuntu aca yumva imbavu zose zimeze nkizavunaguritse.
Muganga Damien Leger, umukuru w’igisata INSV (Institut National du Sommeil et de la Vigilance) yagize ubushakashatsi ku bijanye n’itiro, avuga ko kuryama amasaha ari munsi y’atandatu bishobobora navyo nyene kugira ingaruka zitari nziza ku mubiri. Aho twovuga nko kugira ingorane z’ihahamuka, indwara z’umutima uguma usimbagurika canke ingorane zo guhumeka nabi. Ikindi naco, iyo umuntu yaryame nabi, iyo avyutse, ntarangura imirimo yiwe neza kubw’umuburi uba utaruhutse.

Uwo muhinga ahanura ko umuntu wese yoza araryama amasaha ari hagati y’indwi n’umunani kugira aruhuke neza. Ku bijanye n’uburaro nabwo, ahanura abantu kuryama ahantu hagoroye kandi hatagumye kugira umugongo ntuvunike. Ikindi naco, abantu bokwirinda kuryama ahantu hari induru, ahari umuco mwinshi, hashushe canke hakanye.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.