Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka mbi zo kumena amahere yo mu maso n’umuti wazo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka mbi zo kumena amahere yo mu maso n’umuti wazo

Ingaruka mbi zo kumena amahere yo mu maso n’umuti wazo

lundi 19 Rusama 2014

Kugira imyitwarariko myinshi y’ubuzima (stress), kwibungenga, kwisiga amavuta atajanye nayo umubiri warumenyereye, bimwe mu bitera amahere yo mu maso. Kuyamena atarasha bigashobora kwandurukamwo ingaruka zitari nziza.

Mu vyirwa vyakozwe n’abahinga mu bijanye no kuvura indwara z’urukoba, bavuga ko amahere akunda gushikira cane cane imiyabaga kubw’imyaka baba bagezemwo, naho ata ndwara yayateye. Ariko, ashobora guterwa kandi n’ibindi bintu vyo mu buzima bwa minsi yose. Nko ku bigeme, aterwa navyitwa "hormone" ya « oestrogènes » aba yiyongeye. Kuribo, amahere agakunda kwibonekeza iyo bagire baje mu butinyaba canke iyo bisize amavuta ataramnyereye kwisiga. Ku misore n’abagabo bikava ku ma "hormone" ya « testostérone ». Ku bagabo amahere arashobora kwibonekeza nk’iyo batimoye neza ubwanwa. Akenshi muri rusangi agaterwa n’isuku rike umuntu agira.

Naho abantu bafise amahere bagerageza kuyamena mukuyikurako, abahinga mu bijanye n’indwara z’urukoba, bavuga ko atariyo nyishu yo kuyirukana kandi ko kizira kuyafyonda, na cane cane kuko bishobora no guhitana ubuzima bw’umuntu.

Muganga Eliya Mupera, umuhinga mu kuvura indwara z’urukoba, mu kiganiro yahaye ikiganiro ikinyamakuru IGIHE yamenyesheje ko kumena ibihere, haba ivyo mu maso canke ahandi ku mubiri, bitarasha, atari vyiza kuko bishobora gutuma biguma bigaruka, bigahava bikadurukamwo n’izindi nkurikizi zo ku rukoba rw’umuntu.

Zimwe mu nkurikizi zivuye ku kumena ibihere vyo mu maso, akaba ari imigera yavuye mu mashira y’ico gihere camenywe. Imigera ishobora guca itandukira ahandi hatari ibihere, ivyo bigatuma haza ibindi bihere. Iyo rero bigumye biza, bishobora kwadurukana indwara. Ikindi naco, inkovu zivuye aho igihere camenywe, ntizihera, zigumaho.

Hokorwa iki mu kwirinda amahere yo kurukoba ?

Abanonosoye indwara zo ku rukoba, bavuga ko kugira isuku ku mu biri ariyo nyishu nyamukuru yo kwirinda indwara zo ku rukoba n’amahere yo mu maso. Mukwiyoga, umuntu ategerezwa gukoresha amasabuni yabigenewe. Mu kwisiga naho, umuntu akirinda kwisiga ivyarivyo vyose bishobora kugirira nabi umubiri bakirinda no kwama babimena bitimenye igihe cose vyoba bije.

Tubibutse iyo umuntu agiye aramena amahere yo mu maso, bishobora no gutuma umutwe wiwe uvyimba.


BUKURU Mariella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.