Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka n’amabi biterwa no kunywa inzoga nyinshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Ingaruka n’amabi biterwa no kunywa inzoga nyinshi

Ingaruka n’amabi biterwa no kunywa inzoga nyinshi

mardi 7 Rusama 2013

Inzoga n’ibindi vyambiye umushishito ntubisya. Iyo umuntu azinyoye ,zigirako mu turingoti tw’amaraso. Mu minota mike, amaraso aca azijana mu bihimba vyose vy’ umubiri.

Ingaruka zimara ikiringo kigufi

Mu kiringo gito kandi iyo inyowe ku rugezo ruboneka, inzoga zituma umuntu aborerwa, bigashobora kunatuma haba ingorane mu mushishito, umuntu aguma agira iseseme, akadahwa,…

Kunywa inzoga nyinshi mu mwanya muto bituma urugezo rw’inzoga ruduga mu mubiri, ikagabanuka bihwanye n’urugezo umuntu aba yanyoye : Umwanya wonyene niwo ushobora gutuma zigabanuka.

Bavuga y’uko hategerezwa guca isaha yose kugira ikirahuri c’inzoga umuntu aba yanyoye zimuvemwo mu mubiri. Iyo rero umuntu yanyoye atafunguye, inzoga zinjira ningoga na ningoga mu maraso n’ingaruka zaho ziba nyinshi.

Kunywa inzoga nyinshi bishobora gutera ingaruka zikomakomeye :

- Igabanuka ryo kuba hange, kenshi bigatuma hama impanuka nyinshi mu mabarabara, impanuka z’ubuzi.

- Umuntu ntaba agishobora kwicungera no kwirinda canke kurinda akarimi karekare, bigaca bituma kenshi umuntu agira inyifato zitabereye, ugasanga atanguye gusinda, agashwana n’uwariwe wese, agafata abigeme ku nguvu, hari n’abagera ku rugezo rwo kwiyahura, n’ibindi usanga akoze atokoze iyaba atanyoye izo nzoga.

- Ikindi naco, akenshi uwanyoye inzoga kugera ku rugezo rwo kuborerwa ntaba agishobora kwirwanirira, hagize abamusotora ntaba agikoresha inguvu ziwe, ari naho ashobora gukoresha ibiri hafi yiwe kugira yirwanire, ivyo navyo bigashobora guhitana abari kumwe nawe.

Ingaruka zimara ikiringo kirekire

Kunywa inzoga iminsi yose, mu gihe urengeje urugero ( ni ukuvuga kurenza hagati y’ibirahuri bibiri na bitatu ku munsi), vyongereza ubushobozi bwo kurwara indwara zidakira kandi zitarinke. Aho twovuga nkaza kanceri (cane cane yo ku munwa, yomw’izosi, yo muri ezofaje, eka mbere n’ahandi), indwaraz’igitigu(siroze) n’indwara z’umushishito, indwara ry’ivumbuka y’imirindi y’amaraso, indwaraz’umutima, indwara zo mu bwonko n’indwara zo mu mutwe(guhahamuka, gubura ubwenge).

Inzoga ntizimerera abantu bose co kimwe. Umuntu wese afise ukungene umubiri wiwe ukora. Yaba umugabo, yaba umugore, inzoga ntiziraba uwazinyoye. Bivana n’umuntu azinyoye bihwanye n’umubiri wiwe.

Hari abantu mbere dusanga baragizwe imbohe n’izo nzoga, ugasanga ntibagishobora kuziheba canke mbere kuzihagarika. Abasoda bo mu mubiri ntibaba bagishobora gukingira ubuzima bwiwe. Ibimenyetso kuri bene abantu baba baragizwe imbohe n’inzoga, usanga bafise umubiri ujugumira umwanya wose, bakagira ibinyanya mu mubiri, ntibiba bigishoboka ko bafungura neza.

Umuntu yihweje rero izo ngaruka n’amabi yose biterwa no kunywa inzoga nyinshi, yokwiyumvira amagara yiwe akabona guhagarika canke akazigabanya ku rugezo ruboneka.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.