Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka zivuye ku kudakaraba iminwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Ingaruka zivuye ku kudakaraba iminwe

Ingaruka zivuye ku kudakaraba iminwe

vendredi 14 Ruheshi 2013

Kugira isuku ni kimwe mu vyotuma igitigiri c’abahitanwa n’indwara zivuye ku mwanda kigabanuka na cane cane ku bana bakiri bato.
Abantu batari bake bibwira ko kwoga umubiri wose bikwiye kugira habe isuku ariko iyo badakaravye mu ntoke mu gihe bavuye mu tuzu twa sugwumwe, n’ubwo baba boze, iryo suku ryo ku mubirir riba ataho rihagaze.

Abantu baba mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere barabangamirwa n’indwara zivuye ku mwanda ku kubura canke ku gukena amazi. Hari n’izindi mvo zagaragaye zituma indwara nk’izo zigwirirana : kudakaraba neza mu ntoke. Ivyo bikaba vyemezwa n’ubushakashatsi butari buke bukorwa kw’isi yose.

Mu matohozwa yakozwe kubijanye n’isuku rya minsi yose, abahinga bo kuri kaminuza y’i Michigan, barafashe umwanya wo kwihweza ku bantu bagera ku 3749 bariko barakaraba mu ntoke bavuye mu bwiherero rusangi. Icatangaje n’uko ibice 5 kw’ijana gusa nibo bazi gukaraba neza mu ntoke. Ni ukuvuga kwisiga umwanya muremure isabuni, kwikunyura neza mu ntoke kugira imigera yose ihere.
« Kugira isuku rikwiye, dutegerezwa gukaraba n’isabuni kugera ku misegonda mirongo ibiri.

Dutegerezwe kwitonda mu gukaraba hagati y’intoke, mu kiganza n’ahandi hose hataboneka hakunda kuguma imigera » . Ivyo bikaba vyasiguwe na Carl Borchgrevink yokoze iryo tohoza ryasohowe mu kinyamakuru «Journal of Environnmental Health ».

Ku bantu 3700 bize bagizwe kw’itohozwa, ibice 10 kw’ijana ntibakaraba mu ntoke bavuye mu tuzu twa sugwumwe. Muri bo, ibice 15 kw’ijana ni abagabo, ibice 7 kw’ijana ni abakenyezi. Ibice 33 kw’ijana ni abantu bakaraba gusa n’amazi badakoresheje isabuni na 52 kw’ijana bakaraba munsi y’amasegonda 15.

Muri iryo tohozwa nyene ryakozwe na Carl Borhrevink, vyaragaraye ko gukaraba mu ntoke ari igikorwa gikorwa cane mu gitondo kurusha mw’ijoro. « Ku mugoroba abantu baba barushe, gukaraba mu ntoke aba asigaye ari igikorwa badaha agaciro ».

Kugira habe isuku rizana amagara meza, abantu bose bahamagariwe gukaraba mu ntoke igihe cose bavuye mu tuzu twa sugwumwe, bagire bafungure canke bahejeje gufungura, bahejeje kwimyira, bahejeje gukora ku vyuma, bagire bakinjike, bagira bakore mu ntoke inzoya kugira barinde imigera yose itera indwara zivuye ku myanda. Gutyo igitigiri c’abahitanwa n’indwara zivuye ku myanda kw’isi yose kizogabanuka


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.