Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka zivuye ku kwongereza umunyu mu mfungurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka zivuye ku kwongereza umunyu mu mfungurwa

Ingaruka zivuye ku kwongereza umunyu mu mfungurwa

jeudi 16 Nzero 2014

Umunyu uri mu bituma imfungurwa zigira akanovera, mbere n’uwuzifunguye akagira n’akayabu. Ariko iyo ufunguwe utagererewe, ushobora gutera ingaruka zitari nziza ku magara y’abantu.

Abashakashatsi mu bijanye no gufungura bavuga ko umunyu warekuwe kuribwa ku munsi, wategerezwa kuba uri hagati y’amagarama 1500 n’ 2300. Abantu bakwiye kwirinda kutarenza ayo magarama asabwa. Mu gihe bahisemwo gufungura imfungurwa zifise umunyu ubwazo naho, bokwirinda kwongeramwo umunyu mu zindi mfungurwa baba bazibangikanije.

Margaritis Irene, umurongozi mu bijanye no gukurikirana ivy’imfungurwa n’ingaruka zavyo, avuga ko ikibi c’umunyu ku magara y’abantu atari gufungura imfungurwa ziba zifise umunyu mwinshi murizo, ariko ari ugufungura kenshi umunyu.

Jacques Blacher, umuganga araba indwara zo mu mutima nawe, avuga ko gufungura umunyu mwinshi mw’ijoro bifise ingaruka nyinshi ku mutima. Mu bushakashatsi buheruka gukorwa n’abahinga mvamakungu bagera ku 488 bavuye mu bihugu 50 bitandukanye, bemeje ko gufungura umunyu urengeje urugero, bihitana abantu barenga imiriyoni zibiri ku mwaka ku mwaka. Abo bahinga bakavuga ko bishoboka ko hashobora kurindwa impfu z’abantu bari hagati y’280 000 na 500 000 ku kiringo c’imyaka cumi, bagabanije n’imiburiburi igarama rimwe n’igice ry’umunyu ku munsi.

Hisunzwe urutonde ngenderwako ku bijanye no gufungura, PNNS (Plan National Nutrition santé), abagabo ntibari bakwiye kurenza amagarama 8 y’umunyu ku munsi, abagore nabo ntibarenze amagarama 6,5. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu,OMS naryo rigasaba ko urugezo rw’umunyu rudakwiye kurenzwa ku munsi, ari amagarama atanu.

Muganga Jacques Blacher avuga ko umunyu mwinshi utuma igipimo c’umutima kiduga, bigaca bitera n’izindi ndwara z’umutima, nka hypertension.

Ivyirwa bikaba vyarerekanye kandi ko iyo umuntu yagiye ararya umunyu akiri muto, ingaruka zawo zishobora kwibonekeza yarakuze. Ari naco gituma, bahanura kuwirinda amazi atarenga inkombe.

Mwokwibuka ko indwara z’umutima (indwara z’igisukari, indwara y’umurindi w’amaraso, n’izindi) ziri mu ndwara za mbere zihitana abantu kw’isi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.