Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingene umuntu yobaho mu mw’’idegemvyo ntangere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ingene umuntu yobaho mu mw’’idegemvyo ntangere

Ingene umuntu yobaho mu mw’’idegemvyo ntangere

mardi 30 Ndamukiza 2013

Imbere yo kubarira ikintu umuntu, wibaze ibibazo bitatu:
1.nivyo? muyandi majambo ni ukuri? 2.birakunditse? 3.birakenewe?

Uraheza ukirinda kwemerera umuntu ico utazoshikana, ukamana ijambo ritera intege abantu muhuye, ntukavuge ico uzi kibi k’umuntu ahubwo mufashe, wirinde urusaku nico rutera cose

Ugire icitegerezo ciza ku bandi, umenye ko uwariwe wese afise icashoboye
Ugurukira abandi, ugirire imbabazi uwufise intumbero, kuko urashora kudahuza n’abandi ariko mukaguma mu munezero.
Wihe akanya gakwiye imbere yo kubwira ikintu umuntu comubabaza kuko hari aho ibikomere bigoye gukira.

Hagize umuntu aguhanura, gerageza ukuremwo ukuri muvyo avuga, hanyuma ukosore ibishoboka mu maguru masha. Atakuri kurimwo gerageza, umwemeze ukuri kwawe atamahane agiyemwo canke ishavu.

Gerageza utwenge kenshi kuko gutwenga biri mu buryo bwa mbere bwo gutanga ubutumwa neza, ha kurondera abakuba hafi, ba hafi abandi, ha kurondera gutahurwa , tahura abandi, ha kurondera gukundwa, kunda nawe, kubabarirwa ahubwo babarira, kandi gerageze gutegura ubuzima bwanyu neza ndetse no kubandi.


Aimé- Vitor Kwizera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.