Accueil > Ibidukikije > “Ingenzi zirashima ubwiza bw’Uburundi”
“Ingenzi zirashima ubwiza bw’Uburundi”
mercredi 23 Gitugutu 2013
Ubwiza bw’Uburundi, hari abarundi batabubona, ariko ubwo bwiza bukabonwa n’abanyamahanga, nk’uko n’abarundi bayamaze ko uwambaye ikirezi atabona ko cera. Abagendera Uburundi bose bagenda barabwikugura, baravye ibibanza vy’iratiro igihugu gifise, ukwakira neza ingenzi kw’abarundi n’ibindi.
Ku bw’umuyobozi wa Augustine Tours, avuga ko mu Burundi hari ibibanza vyiza vy’iratiro, ishirahamwe arongoye rimenyesha amakungu, ingenzi zigaheza zikaza ku bwinshi. Avuga ko umuco mwiza w’Uburundi, akayaga keza k’ikiyaga Tanganyika, biri mu binezera ingenzi . Augustin Ndikuriyo umuyobozi w’iryo shirahamwe rero akaba amenyesha ko ingenzi ije ibagana bayifasha mu kuyishikana aho yipfuza, bakayereka aho yoruhukira hameze neza kandi naho nyene herekana ubwiza bw’Uburundi.
Biciye ku buhinga ngurukana bumenyi, Augustine Tours abantu batari bake baramaze kuyimenya na cane cane ibihugu vyo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, Afrika y’Epfo, Leta zunzubumwe z’Amerika, Uburusiya n’ibindi bihugu. Ingenzi zose zigendeye Uburundi zikaba zishima ibibanza vy’iratiro kuko hari nk’abaza bipfuza kumenya aho uruzi Nil rutangurira, amashuha, isumo ryo mw’ishanga, ibuye Stanley na Livingstone, ingoro z’abami, ibigabiro vy’abami, ibiyaga bigize akarere, na cane cane ko Uburundi buri mu bihugu bigize ibiyaga binini, n’ibindi vyinshi.
Kuva mu mwaka w’ibihumbi 2010 ishirahamwe Agustine Tours ritanguye, riramaze kwakira abatari bake, ndetse abo bose bakaba bashikiriza ukwo babonye Uburundi babicishije ku buhinga ngurukana bumenyi. Nta bunenge abo bose barashikiriza mu gisata c’ukwakira ingenzi canke mu gisata c’ibibanza vy’iratiro.
Ku bijanye n’ukwo akorana n’ubushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro n’ingennzi, Agustin Ndikuriyo avuga ko imigenderanire bafitaniye ari myiza, ndetse ubwo bushikiranganji bufasha cane ku bijanye n’amahayanishwa butegura, aho kuva muri iyi myaka itatu, ubwo bushikiranganji bwagumye buronka ibibanza vyiza mu mahiganwa yagiye arabera mu gisagara ca Berlin mu gihugu c’Ubudagi, aho Uburundi bwatahukanye ubushimwe.
Asaba abarundi ko bova hasi bagashigikira ibibanza vy’iratiro kuko Uburundi bufise ibibanza vyiza vyotuma ingenzi ziza ari nyinshi, igihugu naco kigashobora kuhinjiriza amafaranga atari make aciye muri ico gisata c’ingenzi. Hako amakungu yokwama yibaza ko inyuma y’intambara Uburundi bwaciyemwo ataciza nakimwe twoba twarasigaranye, yamara ingenzi na bamukerarugendo babone ko ahubwo Uburundi bugeze ku ntambwe yo gushima.
Abandanya ashimira Leta y’Uburundi ko muri iki gihe, yerekanye imigambi myiza yo gukingira ibidukikije no gushira mu ngiro imigambi myiza yo gushigikira ikiyaga Tanganyika n’ibindi bibanza vy’iratiro.
Aristide Nizigire
Messages
24 Gitugutu 2013, 00:20, par N Paci
Uko n’ukuri pe!Uburundi ni bwiza,twese dukwiye kubukunda no kubwitaho uhereye ku bategetsi kugera hasi
24 Gitugutu 2013, 05:38, par ric
Babizi he
nije ndabizi bwareze bukankuza
Muzi mu Rutana ahari Chutte de Mwishanga,.
24 Gitugutu 2013, 14:39, par Richard
Ivyo pe Uburundi buteye igomwe ahubwo twosaba abatetsi natwe nyene abarundi twese tukarushiriza ho kubutegura bugakayangana gusumba
3 Nzero 2014, 13:40, par ciza
yooh ahubwo hari abadashika boza iwacu mu RUYIGI botangarira ikibira ca Ruvubu bakibonera ibikoko bitandukanye,atahandi bisigaye mu Burundi atari mu kibira ca Ruvubu.Uburaro bwaho nabwo ntiworaba n’imfungurwa zikizimbutse i Burundi!Baraza baratire ijisho!
29 Ntwarante 2017, 21:42, par ERIC NDUWIMANA
RUVUBU RWISUKA HE?
17 Ndamukiza 2017, 10:10, par Gabriel
IMANISHIMWE KOYADUHAYE IGIHUGU CIZA.