Accueil > Imibano > Ingingo yakuraho amasezerano ya ISABU-STEVCO yahagaritswe
Ingingo yakuraho amasezerano ya ISABU-STEVCO yahagaritswe
vendredi 7 Munyonyo 2014
Ingingo yahagarika amasezerano hagati y’ikigo ISABU n’ishirahamwe STEVCO yahagaritswe.
Nk’uko bigaragara mw’ikete nimero 1368 /2014 /I.8.6, umuyobozi mukuru w’ico kigo ISABU, Dieudonné Nahimana yandikiye iryo shirahamwe STEVCO, Ikigo ISABU cahagaritse ingingo cari cafashe yo guhagarika amasezerano yari hagati y’ico kigo n’iryo shirahamwe.
Muri iryo kete, umuyobozi mukuru w’ikigo ISABU agira ati : "Muri rino kete twashaka kubamenyesha ko twabonye urwandiko mwatwandikiye kuwa 20 Gitugutu mudusaba gukuraho ingingo twafashe yo guhagarika amasezerano yaduhuza n’ishirahamwe murongoye kandi turabashimiye. Twashaka tubamenyeshe y’uko twemeye gukuraho iyo ngingo yadutuma duhagarika amasezerano mu gihe mwokwemera ko vya bikorwa vyo kugerageza ico giterwa ca stevia vyokorerwa mu kigo ISABU, intambwe nayo yo kukigwiza no kugikwiragiza mu gihugu cose izobanza kurindira ico gikorwa co kukigerageza kibanze kirangire. Muri ico gihe, amasezerano yandi azoheza yongere ashirweho yongere anaterweko igikumu."
Mw’ishirahamwe STEVCO bakaba bashimye iyo ngingo. Tubibutse ko ayo masezerano yahuza ikigo ISABU n’ishirahamwe STEVCO yari yahagaritswe kuwa 17 Nyakanga uno mwaka.
Floxella Karire
Messages
10 Munyonyo 2014, 10:18, par joselyne BUTOYI
stevia none ico giterwa kizoshorerwa mu Burundi? mbeko numva ko hari abatanguye kukirima.nkavyumva mubanyagihugu nkaba nipfuza kuronka umuco wico giterwa mwowumpa? Nipfuza cane kukimenya nukuntu umuntu agikoresha ndumurimyi muto kugira nanje ndakirime.