Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingingo yo kutakira abanyeshure mu ndaro mu mwaka w’11 izotuma indero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ingingo yo kutakira abanyeshure mu ndaro mu mwaka w’11 izotuma indero (...)

Ingingo yo kutakira abanyeshure mu ndaro mu mwaka w’11 izotuma indero itituka gusumvya

mercredi 13 Myandagaro 2014

Ibiherutswe gushikirizwa n’ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye ko guhera mu mwaka w’ishure w’2014-2015, amashure y’indaro mu gisagara ca Bujumbura atazokwakira abanyeshure bo mu mwaka w’11 kiretse ishure ETS gusa, mw’ishirahamwe Coalition pour l’Education pour tous Bafashe bige ntibavyakiriye neza.

Mw’ishirahamwe coalition pour l’Education pour tous "Bafashe bige" babona ko iyo ngingo yafashwe hisunzwe igice kimwe c’uburyo gusa, hibagirwa ikintu nyamukuru ariko kamaro ko kuba mu ndaro. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Domitien Nzosaba arongoye iryo shirahamwe aributsa ko kuba mu ndaro bifise akamaro kanini cane, kuko abanyeshure bahurira hamwe bagashira ingeso nziza imbere, kandi bagasiguriranirana hagati yabo. Akandi kamaro n’uko ahenshi baba bafise aho basomera ibitabu, hakaba n’amashure usanga afise umuhora wa internet ivyo vyose bigatuma umunyeshure aba mu ndaro ahungukira ibitari bike.

Nk’uko Domitien Nzosaba abandanya abishikiriza, ku mashure afise indaro, hari naho usanga hari n’ivyo bita les séances de renforcement ariyo masaha usanga umwigisha afashe akanya agasigurira abanyeshure ivyigwa baba batatahuye neza mu mwanya wabigenewe. Ivyo vyose bituma umwana ataronka ibimusamaza vyinshi, kuko umwanya wiwe uba upanze ku masaha.

Mu gihe rero iyo ngingo yo gukura uburaro mu myaka ya 11 yoja mu ngiro, inkurikizi zoba nyinshi cane yaba ku kanovera k’inyigisho, yaba ku ndero y’abanyeshure ubwabo. Mw’ishirahamwe "Bafashe bige" baratanga akarorero k’abana baba bavuye mu ntara za ruguru baje kwiga i Bujumbura bazoshikira ku ncuti, abo nabo bikabonekako abazoba babatunze batazobihanganira kubatuma mu dukorwa dutandukanye two mu nzu, bigasigura ko batazoronka ka kanya gakwiye ko gusubiramwo ivyigwa canke kwigana n’abandi uko vyahora bari mu ndaro. Domitien Nzosaba aravuga n’ikibazo c’uburyo, aho mu gisagara ca Bujumbura mu kwiyunguruza usanga umuntu arinda kuriha udufaranga tw’ukwiyunguruza, mu gihe hari ubukene buzura inzara, abo bana bashobora guhura n’ababasamaza kumbure bakabarihira utwo dufaranga, mu nyuma bakabakoresha mu bindi bikorwa. N’inda z’indaro zirashobora kuba inkurikizi, mu gihe mu gisagara hari n’ibisayangana bitari bike, ivyo rero bigashobora guhenda abo bana baba bakiri imiyabaga.

Kubwa Domitien Nzosaba, iyo ngingo yafashwe ata ngingo zindi zikwiye ziyiherekeza zifashwe, ni naco gituma asaba ko muri ya nama rukokoma ijanye n’ibibazo vy’indero, itegekanijwe mu kwezi kwa Gitugutu, ababijejwe bofata mu minwe ico kibazo. Ku ruhande rw’abavyeyi nabo, Dimitien Nzosaba abahamagarira kugira utwigoro kugira uwo mwanya abo bana bahora mu minwe y’abarezi barabe ingene babakurikirana hafi. Domitien Nzosaba asaba ko abavyeyi bokurikiza wa mugani wa basokuru uvuga ko umwana atari uw’umwe, gutyo bakaza bararereranira.

Tubamenyeshe ko ishure ry’imyuga ETS ariryo ryonyene rizokwakira abanyeshure bo mu mwaka w’11 biga bataha mu ndaro. Iyo ngingo yo kutakira mu ndaro abanyeshure bo mu mwaka w’11 i Bujumbura ikaba mu nyuma izoja mu ngiro no mu zindi ntara zo hagati mu gihugu, nk’uko vyamenyeshejwe na Edouard Juma, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ay’isumbuye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.