Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ingingo yo kurekura Bob Rugurika yasohotse
Ingingo yo kurekura Bob Rugurika yasohotse
mercredi 18 Ruhuhuma 2015
Inyuma y’iminsi 29 umuyobozi w’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu ari mw’ibohero, sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura yafashe ingingo yo kumurekura.

Bob Rugurika akaba yafashwe kuwa 20 Nzero uwu mwaka, inyuma y’aho yumviririjwe muri sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura ku makaru yari yatanze, amakuru yavuga ku matohoza yari yakozwe na RPA ku bijanye n’ubwicanyi bwakorewe ababikira batatu b’abatariyanokazi, amatohoza yavuga ko bamwe mu bihangange vy’igendereza ry’Uburundi ry’ico gihe, boba barafashije muri ubwo bwicanyi. Abo nabo, RPA ijwi ry’abanyagihugu ikaba yari yavuze nka Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye igendereza ry’Uburundi, Kazungu n’abandi baporisi nka Ayubu n’abandi. Bob Rugurika rero akaba yaciye ajanwa igikubikubi mu ntara ya Muramvya gupfungirwayo, ndetse ivyiyamirijwe n’abatari bake, aho hose ubutungane bwirabira hirya.
Ipfungwa rya Bob Rugurika rero abatari bake bakaba bari babonye ko rihesha isura ribi igihugu, mbere bimwe mu bihano bikaba vyari vyatanguye kuvugwa ko bishobora gufatirwa Uburundi n’amakungu, hamwe Rugurika atorekurwa. Umuyobozi wa RPA ijwi ry’abanyagihugu, akaba yarekuwe asabwe gutanga ingwati y’amafaranga y’amarundi angana n’imiriyoni cumi na zitanu.
Kuva iyo nkuru y’irekurwa rya Bob Rugurika imenyekanye, abanyagihugu isinzi bakaba baciye bihereza amabarabara, gushika ahakorera insamirizi RPA, mu ntumbero yo kuja kugaragaza umunezero wabo.

Aristide Nizigire
Messages
18 Ruhuhuma 2015, 13:36, par baranyikwa emmanuel
Imanishimwe kubona leta yuburundi yiyunviriye kurekura bobo rugurika,nibace bafata ivyobihangange babafunge guko aribo bishe barya babikira
18 Ruhuhuma 2015, 15:32, par cumacindubaruba@gmail.com
Nibace bamutanga muri ADC ikibiri comme candidat à la présidence intsinzi mbona yoba ibaye kashi, kandi RPA yoca iba Radio Nationale. Ariko ico mwomenya igihugu ntigitwarirwa buja gusa kandi ijwi risa nirindi, akariro gake rero na frein amatora yambere niyo azobidadanura nibaza radio yiwe na MSD bidatsinze ko atazoroherwa, arabaza ruvakuki iyo ageze ubu, vyiza mbona yoca yisabira ubuhungiro akigira kugora munama nshingamateka ya buraya canke aze gukora muri Women Right Watch.
18 Ruhuhuma 2015, 15:49, par SAVIMBI
GAHANGA WISHWE NIKI??? JEWE NISHWE NURWA BAGABO; NAWE UZICWA NAKARIMI KAWE!! BARENDEGERE YENZE NYINA. IMYIBUTSA YIKIRUNDI KANDI BOBO NUMURUNDI.
18 Ruhuhuma 2015, 15:52, par MUKOMBOZI
akataretse kaba gasema; nayo inyenzi yisema yurira umurundi winkoko
18 Ruhuhuma 2015, 16:06, par Haringingo
Turakenyeye tuje turiha amenyo y’abatwenzi uku? Umuntu agafatwa ataco azira kugira arekurwe amakungu abanje gukoma induru? Burya koko twaronse ukwikukira tubikwiye? Imana ishimwe, ubutungane bwikubise agashi burarekuye inzirakarengane. Ndaryohewe caaaane simbona uko nobivuga. Kandi nta muntu akunda uburundi bitoryohera, ndasavye abarundi twame maso muribonera ko kw’irembo ata myugariro ihari twame twiraririye duteramire ukuri intahe n’ijambo!!! Bravo Rugurika!! Iteka aho ryamye! Bigutere intege n’abagenzawe baharanira ukuri kutajongoroye abarundi b’umutima turi inyuma yanyu! Buri mu guca uburundi twisubize umutamana bansumirinda, bampemayuzuye batwambuye!
18 Ruhuhuma 2015, 17:19, par Elijah Ndizeyimana from Australie
Ukuri guca muziko ntigusha! Wanka kuvuga ukuri abandi bakakugutanga. Bob R. Uragahora ubugabo atari ubwaniryo!
18 Ruhuhuma 2015, 18:40, par nTARE
HAHAHAHAH LE DD VONT MAIGRIR..oh muramaramaye ga Mana na yaze na commanda yariko aratwiruka inyuma aca ansaba numero de telephone ngo duhure le soir ikintu tuvugana hahhaha basha mukurya igiturire barariraye nanje ndamwemereye agakwirikira nzobaha inyishu ,,,,,,,,,,,,,,,Baramaramaye ga Mna iconyereka Guillaume na Adolphe aka kanya uko bamerewe aho batuboneye twebwe abashishwe niki gihugu bivuye kukungene twishwe ninzara twahora twironderera aka lation tubicishije mu soko nkuru yooooooooooooooooo nibutse ayo nabonye kubera abo baDD BARAGASWEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEE
18 Ruhuhuma 2015, 21:24, par Dusabumukama Jean Marie
Imanishimw Kubon Umuyoboz Wa Rpa Yavuy Mumvuto Numugab Wabagabo Nkahamw Muburundi Hoboneka Abantu Nk50 Nkaw Uburund Bwoterimbere Nka America.Ubutungan Nibukor Abakoze Icaha Bakubitwe Intah Mugahana.
18 Ruhuhuma 2015, 21:26, par Dusabumukama Jean Marie
Imanishimw Kubon Umuyoboz Wa Rpa Yavuy Mumvuto Numugab Wabagabo Nkahamw Muburundi Hoboneka Abantu Nk50 Nkaw Uburund Bwoterimbere Nka America.Ubutungan Nibukor Abakoze Icaha Bakubitwe Intah Mugahana.
18 Ruhuhuma 2015, 21:27, par Dusabumukama Jean Marie
Imanishimw Kubon Umuyoboz Wa Rpa Yavuy Mumvuto Numugab Wabagabo Nkahamw Muburundi Hoboneka Abantu Nk50 Nkaw Uburund Bwoterimbere Nka America.Ubutungan Nibukor Abakoze Icaha Bakubitwe Intah Mugahana.
19 Ruhuhuma 2015, 03:57, par Nuwera
Kuwomuntu Bob akundwacane nabomuri ADC Ikibiri!? jewendevye babantubose mumuri ADC Ikibiri ibihumbi cuminicenda (19,000) haburamwobake iyaba arabandi bociyebamuhurizako akabariwe batanga akazohangana nigihangange kizotangwa na CNDDFDD nako akazohangana na Nkurunziza. Ariko nubundi ntacobotoramwo kuko ibihumbi 19 mubantu bashika imiriyoni 4 bazotora ntacobonoba mbeburyamuraziko ababantu baringaha batashika nibihumbi 10? ahorero mvuze abantubosebaribahari nshizemwo nabadoriya nimbonerakure zikurikiranira hafi ibintu ukobibabiriko baragenda kumusi kumusi, Nindeyagubeshi ngo worekurana abantubanganagurtyo hakaburamwo Imbonerakure!!!???.
19 Ruhuhuma 2015, 10:54, par BUKURU
NUKURI BONYE IVYO NIBONEYE NAMASO YANJE; KUVA MUKAMENGE GUSHIKA KURI RPA UKAZA NOKURI LEO. NSANZE RPA ARI ISHAMI; RIJEJWE KUMENYESHA AMAKURU MUMUGAMBWE MSD. KUKO NKIBICE MIRONGO UMUNANI KWIJANA NABONYE ARI ABANWANYI BUMUGAMBWE MSD
19 Ruhuhuma 2015, 11:00, par KABIZI
UMUKURU WIGISAGARA NARAMUBWIYE KO AKWIYE GUHAGARIKA IYO MWIYEREKANO; NGO NIYABAMENYESHAMAKURU NAHO SHWI ARIYO UMUGAMBWE MSD. UBURERO BIVANYE NIVYOMBONYE; BAKAZOSUBIRA MWIBARABARA BAZOTAHA BAMENYE AMASO EDWARD NDUWIMANA NA JUMA SAIDI. MURAGABE IGITI NTIGIGUKORA MUJISHO KABIRI GICA KIRIMENA
19 Ruhuhuma 2015, 14:33, par ngendabanka Anglebert
ntantwaro nziza yubahiriza ingendo ya Demokras nkiya CNDD-FDD ndabona. Uyumusi niho mbonyeko atari Demokrasi gusa Abarundi twibereye Mugahimbo. Natanga cane kubona abari kuduza ikivi biha amabarabara ngo bigina Umuntu yanse kwerekana Umwicanyi yishe Abana b’Imana nawe afise ubuzima sinumva uwovugana n’umwicanyi akamunyegeza ingene vyoboneka . Burya barya birukanga baranezerejwe n’uko Bobo yanse kwerekana uwishe ntantungane z’ababikira?
19 Ruhuhuma 2015, 19:58, par izerimana jovialfreddy
None bazoza barekura umuntu ari uko abanyaburaya barinze gusemerera .Ahubwo ico mbona jewe ni uko borengutsa barya bavugwa muri rirya gandagurwa rya barya babikira nka kirya gihangange Adolphe nabandi bari
kumwe
20 Ruhuhuma 2015, 05:23, par albert
jewendibazakokabaye akarorerokubategetsi babonye ahabanyagihugubahaze kandindakejebob rugurika niyirambire
28 Gitugutu 2015, 16:41, par Irambona jean
Bobe ruhuka ntamvur idahita la libertèr va bientor arriver murakz gira aho muba mwubahwe Imana ibarinde akarenganyo n’agakengere.
28 Gitugutu 2015, 16:54, par Irambona jean
Bobe ngire nkubwir yuko najew ndondegw cane nagirizwa kuja mumyiyerekano noronk ubuhungiro nohunga igihugu c’uburundi kiragowe muga Imana izonsimbisha iyintwaro haze nshasha mbega bob radio yac izosubira kuvug ryar?murakze.