IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo zafatiwe ikinyamakuru IWACU ziranegurwa na Human Rights (...)

Ingingo zafatiwe ikinyamakuru IWACU ziranegurwa na Human Rights Watch

mardi 4 Ruheshi 2013

Ingingo y’urwego rucungera itangazamakuru mu Burundi CNC, yo kwugara umurongo abasomyi b’ikinyamakuru IWACU bahora bacako mu gushikiririza ivyiyumviro vyabo, iranegurwa n’ishirahamwe Human Rights Watch mw’itangazo bashize ahabona ejo ku munsi wa mbere igenekerezo rya 3 Ruheshi 2013.

Nk ‘uko bivurwa na Daniel Bekele umuyobozi w’igice c’Afrika muri Human Rights Watch, avuga ko gufata ingingo yoguhagarika umurongo abasomyi b’ikinyamakuru IWACU bahora bacako mu gushikiriza ivyiyumviro vyabo itari ikenewe. Daniel Bekele asigura ko gufata ingingo nk’irya bidahimbaye mu gihe abarongooye CNC batavuze ivyiyumviro vyashikirijwe n’abasomyi b’ikinyamakuru IWACU birimwo amajambo y’iterabwoba, avuga ko ibirego vyashikirijwe bidafashe.

Ku bw’iryo shirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zinamuntu, rimenyesha ko iyo ngingo ishitse mu gihe itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi ryateye impari, aho iryo tegeko ryiyamirijwe n’abantu batandukanye ko rihonyanga umwidegemvyo mu mwuga wo kumenyesha amakuru.

Ivyo kandi bishitse mu gihe hari ibindi binyamakuru nka NYABUSORONGO bivugwa ko bitoteza agateka ka bamwe mu batavuga rumwe na Leta, ndetse bigartyoza rwose abategetsi bamwe bamwe bigeze kuba barongoye igihugu, ariko ico kinyamakuru kikaba kitarahagarikwa.

Aha twobibutsa ko umukuru w’urwego CNC Petero Bambasi, amenyesha ko ibinyamakuru nka NYABUSORONGO babuze aho bikorera n’abacandikamwo amakuru kugire bafatirwe ingingo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.