Accueil > Imibano > Urukundo > Ingingo zine ngenderwako mu rukundo
Ingingo zine ngenderwako mu rukundo
jeudi 14 Ntwarante 2013
Nimba mugomba kumara umwanya munini mu rukundo,hari ibintu bine ngenderwako mutegerezwa kwubaha.
1.Kumara umwanya muri kumwe n’umukunzi wawe
Iyo mukunda vyukuri umuntu mutegerezwa kwama mumwegereye,haba mu bihe bigoye canke mu bihe vyoroshe,mutegerezwa kwama mwitwararitse ivyo avuga kuko bibafasha gutahura ico akunda nico yanka.
Ariko kwamana nawe ntibisigura kumara amasaha 24 kuri 24 muri kumwe, kuko navyo bishobora gutuma urukundo rutituka.
Intumbero nyamukuru ni iyo kumwereka ko mumwitayeho uko ari, atari uko afise amafaranga canke ari igihangange.
Mu gihe rero mubonye ko ivyo akora bitakunezereje, ntumucire urubanza kubera ivyo, kuko ashobora kwiyumvira ko mutamwitayeho.
Mukorakore kandi ntimwibagire ko igitsina gifise insiguro nini mu rukundo,ivyo bikunda guherezwa no kurangura amabanga mpuzabitsina,iyo bitagenze ukwo naho bishobora gutuma urukundo rutaramba.
Igihe wobona ko muri babiri mwese harimwo umwe atitayeho uwundi,vyiza wobireka kuko ntibizokwigera bigenda neza mu rukundo.
2.Kwubaha
Nk’uko bimeze mu kwitanaho,kwubahana navyo bitegerezwa kuza imbere.Iyo ukunda umuntu,utegerezwa kumwubaha nk’uko nawe akwubaha.Ni mwiyumvire namwe nk’igihe umuntu yama abakankamira mukubabwira ibintu aho yobaganirije buke buke,mwokwiyumva gute?mwokora iki?
Mwokwiyumva nabi,muri we mwobona ko ari umuntu atubaha.Iyo bimeze ukwo rero biratuma urukundo rwanyu ruhagarara.
3.Kumenya agaciro k’umukunzi wawe
Mutegerezwa kumenya agaciro kumwe wese imbere yuko mugira urukundo hagati yanyu. Iyo uzi agaciro kuwo ukunda birafasha kumenya uko wifata imbere yiwe,na cane cane umuntu yoreka kwishima imbere yuwo akunda kuko vyiza wokundwa kubera ico uri.
4.Kwiyumvanamwo
Kwiyumvanamwo bisigura ko umuntu wese yiyumvamwo uwundi.Kandi ivyiza ni kumenya gufasha uwundi igihe akwiyumvamwo.
Mugisha Van Naris
Messages
21 Ntwarante 2013, 22:47, par Sakubu!!
Ivyonivyo kweri...
27 Myandagaro 2015, 20:28, par Egide Nsengiyumva
Agaciro Kumukunziwawe woka Menya gute?
6 Kigarama 2015, 22:19, par NSENGIYUMVA SAMY
urukundo ntirushimikiye kuguhuza ibitsina gusa .
28 Nzero 2017, 21:38, par bizimana innocent
uwukund akurikure ntacobihindura murukundo?
10 Myandagaro 2017, 11:57, par Havyarimana Thérence
ubwo None Ivyo Bine Vyubahirijwe Urukundo Ntangorane Rwogira?