Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ingoma zo mu Burundi zifitaniye isano n’izo mu gihugu ca Canada
Ingoma zo mu Burundi zifitaniye isano n’izo mu gihugu ca Canada
mercredi 15 Rusama 2013
Kuva kera na rindi, abarundi bamye ari abantu bakunda ingoma kandi ba bakayubaha, uravye ibihe ingoma yavuzwamwo, haba iyo umwami ariko aratanga umuganuro canke iyo bibarutsa umuvyeyi.

Ingoma zo mu Burundi rero, zirafise ico zihuriyeko n’ingoma zo muri Canada, ivyo bikaba arivyo vyatumye Bitamba Joseph, umuhinga mu vy’amareresi, aza mu Burundi kugira ategure ireresi yerekana ico abarundi n’abanyacanada bahuriyeko mu bijanye n’ingoma.
Nk’uko umushingantahe Bitamba Yozefu abivuga, ingoma zo mu gihugu ca Canada hamwe n’izo mu Burundi zirafise ikintu kininini zihuriyeko mu mico y’ivyo bihugu vyose uko ari bibiri.
Nko mu gihugu ca Canada ingoma zirubashwe cane co kimwe no mu Burundi, ingoma naho nyene zavuzwa mu gihe hari urubanza rukomeye rw’igihugu, kandi nazo nyene zivuzwa mu gihe c’amahoro.
Muri Canada baremeza ko ahatagira ingoma ata mahoro aharangwa ndetse ingoma n’ikimenyetso c’amahoro. Ingoma yerekana ubumwe mu gihugu, urukundo hagati yaba mu gihugu cose.

Izo ngoma zose haba izo mu Burundi canke izo muri Canada, zisa n’izisangiye umudiho naho zivuzwa n’abantu batandukanye ndetse n’imico itandukanye. Uretse ko ingoma zo mu Burundi zifise urushato, amabere zikaba zinini kandi zivuga cane, ingoma zo muri Canada nazo ni zito, zivugirizwa hasi ariko zikozwe mu giti nka kurya kw’ingoma nyene zo mu Burundi.
Ibanga ry’uwakanye ingoma riza imbere kuko nta muntu n’umwe haba umurundi canke umunyacanada ashobora ku kubwira amajambo yoba avurwa mu gihe c’ukuyikana. Ni wa mugani w’abarundi uvuga ko akari munda y’ingoma kamenywa n’uwayikanye.
Muri iyo reresi Bitamba ariko arategura, urwaruka rw’Uburundi ruzomenya k’ingoma atari ikintu gisanzwe na cane cane ko abana baruka ubu ata gaciro abha ingoma, ingoma ni ikintu cubashwe, ingoma si zimwe twama tubona mu gisagara ziyerera canke zivuzwa ku manza z’ubugeni, ingoma zivuzwa gusa iyo hari umunsi mukuru w’igihugu.
Aristide Nizigire
Messages
12 Ruheshi 2017, 22:21, par MboninYibuka Claude
24 Rusama 2018, 11:25, par Nsabimana Alexis
Ingoma Z Uburundi Zirzkwiye Gukingirwa Cane Kuko Ahenshi Ntizubashwe. Usanga Zivuzwa Nomugihe Kidakenewe